Uko wahagera

Ku Ncuro ya Mbere Perezida w'Uburundi Yahuriye mu Nama n'uw'u Rwanda


Bamwe mu bitavye inama igira 8 ya CIRGL
Bamwe mu bitavye inama igira 8 ya CIRGL

Inama igira umunani y'umuryango mpuzamakungu w'ibihugu vy'ibiyaga binini, CIRGL, yakoranye uno munsi biciye ku buhinga bwa none. Mu bakuru b'ibihugu bayitabiriye harimwo Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye, uw' u Rwanda Paul Kagame, uwa Republika ya demokarasi ya Kongo na Sudani y'Epfo.

Atanguza iyo nama, umukuru wa CIRGL Umunyekongo Denis Sassou Nguesso yasavye abayitabiriye bose kubanza kugira umunota w'agacerere bakibuka umuhisi Perezida Pierre Nkurunziza yashengeye mu kwa gatandatu adahererekanije ubutegetsi n'uwamusubiriye Evariste Ndayishimiye. Inyuma y'uwo munota, Sassou Nguesso yashimiye ibihugu bigize uwo muryango ku "migenderanire myiza ibiranga."

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres nawe yitabiriye iyo nama nk'umutumire, yashimagije uko ibihugu biri muri CIRGL biriko bihangana n'ikiza ca Virusi ya Corona, yongera abwira abategetsi bavyo ko ONU izokwama ishigikiye na ntaryo inzira zose zishikana akarere k'ibiyaga binini ku mahoro n'iterambere rirama.

Abakuru b'ibihugu bose bahawe umwanya wo gushikiriza ijambo. Naho ku mpande zose ivyo bavuze bitaraja ahabona, umwe mu bategetsi bo mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi atashimye ko amazina yiwe atangazwa yabwiye Ijwi ry'Amerika ko Uburundi bwashimiye u Rwanda ku barwanyi bwerekanye mu ntango z'ukwezi kwa cumi buvuga ko ari abo mu murwi urwanya ubutegetsi bw'Uburundi, Red Tabara.

Uwo mutegetsi mu biro vyo kwa Ntare yagize ati: " Uruhusha rwo gushira ku mbuga ngurukanabumenyi ijambo ryose ryuzuye rya Perezida Ndayishimiye ntituraruronka, turindiriye ko CIRGL isohora itangazo hama natwe tugashirako ijambo rya Ndayishimiye. Gusa , mu vyo bagarutseko n'uko CIRGL vuba bariya barwanyi bafashwe mu ntango z'ukwa cumi izobaha Uburundi, kandi u Rwanda ko rwavyoroheje."

Perezida w' u Rwanda nawe Paul Kagame mu vyo yavuze harimwo, ko ugukorana biciye mu gusenyera ku mugozi umwe ari yo nzira nziza yo guhangana n'ibibazo vy'umutekano n'amagara meza, akarere k'ibiyaga bigari gahanganye na vyo

Kuva u Rwanda n'Uburundi vyatangura kurabana ay'ingwe bivuye kuri manda ya gatatu ya Perezida Pierre Nkurunziza mu 2015, ni ubwa mbere Perezida w'Uburundi n'uw'u Rwanda bahuriye mu nama. Akatari gake uw'Uburundi yatumiwe mu nama vyari kuba ngombwa ko ahuriramwo n'uw'u Rwanda nti yazitavye.

Ikindi iryo soko ryacu ryo mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi ryaduhishuriye, ni uko hari ibiganiro vyoba biriko birategurwa hagati ya Kigali na Gitega inyuma y'umubonano abashikiranganji bajejwe imigenderanire muri ivyo bihugu baherutse kugiranira.

Uwo mutegetsi mu biro vya Ndayishimiye, yavuze ko bimwe mu vy'Uburundi bwasavye u Rwanda rusa nk'ururiko ruritunganya kubikora. Muri vyo, harimwo nko kwugara amaradiyo y'abamenyeshamakuru barenga ijana bahunze mu 2015 akorera mu Rwanda kuva ico gihe.

Ikizohava kigorana mu vy'uburundi bwasavye u Rwanda nkuko iryo soko ryacu ribivuga, ni ugutanga bamwe mu baronderwa n'ubutungane bw'Uburundi bagirizwa dosiye y'abashatse guhirika ubutegetsi mu 2015 bari ku butaka bw'u Rwanda, barimwo abamenyeshamakuru, abanyepolitike, n'abari mu mashirahamwe adakiranira inyungu za politike.

Uwo mutegetsi naho asanga iki kibazo kigoye, mu majambo make yavuze asozera ikiganiro yaduhaye adusaba kudafata amajwi no kudatangaza amazina yiwe yashimangiye ati: " Igikuru ni uko u Rwanda n'Uburundi bisa nk'ibiriko biroroherezanya. Ibisigaye gashiga itazanye abo turondera, ntibizobura iyindi nzira bicamwo bitebe bitebuke."


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG