Uko wahagera

Perezida Nkurunziza Yise u Rwanda Umwansi w'Uburundi


Perezida w'Uburundi Petero Nkurunziza ifihe yahaga abanyamakuru ikiganiro mu Burundi tariki 23 y'ukwa kabiri 2016.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi asaba mugenzi we w’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni asanzwe ari nawe mukuru w’umuryango wa Afurika y’ubuseruko guhamagaza vyihuta inama y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango mu ntumbero yo gukemura ibibazo Uburundi bufitaniye n’u Rwanda, bibaye ngombwa hakaboneka umuhuza.

Mw’ikete Perezida Nkurunziza yandikiye Museveni mu ntango z’ino ndwi, yamubwiye ko umubano mubi n’u Rwanda uriko utuma amatati ari mu Burundi adindira, yongera yemeza ko hasa nk’ahari intambara hagati y’ivyo bihugu bibanyi.

Nkurunziza yasiguriye Museveni ko u Rwanda rwatanguye gutera Uburundi kuva mu ntango z’umwaka w’2015, yongerako hari n’indege za gisirikare z’u Rwanda zimaze igihe zizunguruka ikirere c’Uburundi ata ruhusha zasavye.

Muri iryo kete Nkurunziza yatomoreye Museveni ko atagifata u Rwanda nk’igihugu kigenzi ahubwo nyabuna agifata nk’umwansi akomeye w’igihugu. Yaneguye igikorwa c'u Rwanda n'Ububirigi co guha impapuro z'inzira impunzi z'Abarundi yise "inkozi z'ikibi".

Perezida Nkurunziza muri iryo kete yanasiguriye Museveni ko bimwe mu vyatumye atitaba ibiganiro bihuza Abarundi biheruka kubera i Arusha muri Tanzaniya harimwo ukwanka kwicarana n'abashatse kumukura ku butegetsi. Yanditse ati:" Hamwe ari wewe wohava wemera kwicarana n’abashatse kugukura ku butegetsi? Nimba wobikora, kuki Perezida Kagame atokwemera kuganira n’interahamwe hamwe n’abandi bashaka guhungabanya umutekano w’u Rwanda?"

Uwo aramutswa Uburundi arangiza ikete ryiwe asaba imbabazi mugenzi we Museveni ku co yise " kumubwiza ukuri kwuzuye". Yongera anamubwira ko atazopfa yicaranye n'abashatse guhirika ubutegetsi bwiwe kuko ku bwiwe koba ari ugusasira indava ukudahana mu gihugu ciwe.

Iyi nkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Perezida Nkurunziza Yise u Rwanda Umwansi w'Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:52 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG