Uko wahagera

Uburundi Bwiteguriye Kuraba Ryiza u Rwanda n'Ububirigi?


Perezida Paul Kagame w'u Rwanda na Pierre Nkurunziza w'Uburundi
Perezida Paul Kagame w'u Rwanda na Pierre Nkurunziza w'Uburundi

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yatangaje kuri uno wa gatanu ko Reta arimwo izokwitabira ibiganiro bihuza Abarundi vyimirije kubera inyuma y’igihugu.

Ezeckiel Nibigira yabivuze inyuma y’umubonano wo mw’ibanga yagiranye n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bari kumwe n’amashirahamwe mpuzamakungu.

Muri uyo mubonano wari ugamije ahanini kumenyesha abo baserukira amakungu uko ibintu vyifashe, Nibigira yatomoye ko naho reta izokwitaba ivyo biganiro, ari ivya nyuma bitunganirijwe hanze y'Uburundi izojamwo.

Abajijwe ku kiriko kirakorwa kugira imigenderanire Uburundi bufitaniye n'u Rwanda n’Ububirigi isubire kunaguka, Nibigira yemeje ko hari intambwe imaze guterwa n'ibiriko birakorwa mw'ibanga kugira ibibazo biri hagati y'ivyo bihugu bitorerwe umuti.

Imigenderanire Uburundi bufitaniye n’u Rwanda n’Ububirigi yatosekaye mu 2015, aho perezida Pierre Nkurunziza yitoreza manda yatumye abatavuga rumwe n’ubutegetsi bakora imyiyerekano yo kwiyamiriza uko kwitoza kwiwe, basigura ko kwahonyanze amasezerano ya Arusha n'ibwirizwa nshingiro vyatomora ko mu Burundi umuperezida atarenza ibiringo bibiri.

Mu gihe iyo myiyerekano yaburabujwe n’abajejwe umutekano bamwe bakicwa abandi bagahunga igihugu, ubutegetsi wa Bujumbura bwakomeje kwagiriza u Rwanda n'Ububirigi gufasha no guha indaro Abarundi baronderwa n'ubutungane bagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi mu 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG