Uko wahagera

Uburundi Buragiriza u Rwanda Kunyuruza Umurovyi


Perezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye

Igipolisi c’Uburundi kimenyesha ko igisirikare c’u Rwanda canyuruje umurovyi mu mazi y’ikiyaga Cohoha ku ruhande rw’intara ya Kirundo muri komine Bugabira. Igiporisi cabishikirije kibicishije ku rubuga rwa twitter rwegukira ubushikiranganji bw’umutekano.

Ayo makuru avuga ko igisirikare c’u Rwanda canyuruje uyo munyagihugu azwi kw’izina rya Ndagijimana Sylvestre yakorera akazi ko kuroba ku cambu ca Kiri mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu.

Ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi bukemeza ko humvikanye n’amasasu ubwo uwo munyagihugu yanyuruzwa.

Ijwi ry’Amerika riciye ku bakunzi baryo bashikira abajejwe intwaro mu Burundi mu ntara ya Kirundo, ryaronse amakuru avuga ko gushika iyi nkuru yandikwe uwo muntu atari bwaboneke haraciye imisi itatu, aho basaba ko yosubizwa igihugu camwibarutse mu gihe yoba akiri muzima.

Ivyo vyagiriji bije bikurikira ihungabana ry’umutekano ryabaye mu kiyaga Rweru mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka, aho habaye ukurasana hagati y’abasirikare b’Uburundi n’abo u Rwanda.

Ku ruhande rw’Uburundi, umusirikare arwanira mu mazi yarahasize ubuzima. Ico gihe, abajejwe intwaro mu karere ka Kirundo batangaje ko abasirikare b’u Rwanda barashe uwo musirikare mu gihe yariko agerageza kubatesha kunyuruza abarovyi b’Abarundi ku ruhande rwa komine Busoni.

Mwomenya ko uwo musirikare w’umurundi yitavye Imana yahavuye ahabwa agashimwe n’umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye ku musi mukuru wo guhimbaza ukwikukira kw’Uburundi. Ni agashimwe yahawe nk’umwe mu Barundi bagaragaje ubutwari bwo kwitangira igihugu.

Ntacyo u Rwanda ruravuga ku vyagiriji vy'Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG