Uko wahagera

Uburundi Burasaba u Rwanda Inyeshamba Rwafatiye muri Nyungwe


Ishamba rya Nyungwe ryafatiwemo abarwanyi 19 bivugwa ko bavuye mu Burundi
Ishamba rya Nyungwe ryafatiwemo abarwanyi 19 bivugwa ko bavuye mu Burundi

Igitero Uburundi buvuga ko abagikoze bahungiye mu Rwanda ni icabaye kw’italike 25 z’ukwezi guheze kw’9, ku mugoroba w’ijoro, muri Komine Kabarore intara ya Kayanza. Umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre Nkurikiye, yabibwiye itangazamakuru i Gitega ku murwa mukuru wa politike ku musi wa gatanu.

Igisirikare c’u Rwanda kiremera ko hari Abarundi 19 bitwaje inkoho cafatiye mw’ishamba rya Nyungwe mu karere ka Nyaruguru gahana urubibe na Komine Kabarore yo mu Burundi. Iryo shamba rikiri mu Burundi ryitwa i Kibira, ni na ryo igipolisi c’Uburundi kivuga ko abateye ico gihugu bahungiyemwo.

Mw’itangazo cashize ahabona, igirikare c’u Rwanda, kibicishije mu rwego rw’iperereza, kivuga ko cafashe abo bantu italike 29 z’ukwezi guheze, haheze iminsi 4 ico gîtero kibaye ku butaka bw’Uburundi. Iryo tanganzo Ijwi ry’Amerika rifitiye ikopi, rimenyesha ko abo Barundi bafashwe, biyemereye ko ari abarwanyi b’umuhari uwanya Reta y’Uburundi witwa “Red-Tabara”.

Reta y’Uburundi yifuza ko u Rwanda rwoyiha abo bantu maze bagakubitwa intahe mu gahanga. Yamara igisirikare c’u Rwanda si ko cibibona. Itangazo ryashizweko umukono na Brig Gen Vincent Nyakarundi, atwara urwego rw’iperereza rya gisirikare rivuga ko abo bantu bazoshikirizwa urwego ruhurikiyemwo inzego za gisirikare zo mu karere k’ibiyaga binini, “Mécanisme Conjoint de Vérification Elargi de la Conférence internationale sur la région des Grands Lacs”.

Igisirikare c’u Rwanda camenyesheje mu rwandiko urwo rwego ko abo bantu bafashwe bari mu minwe y’aco, kandi ko ari urwo rw’akarere kose ari rwo rubwirizwa kubakira, rugakora amatohoza maze rugafata ingingo zikurikira bijanye.

Si irya mbere ibisirikare vy’ibi bihugu vyagirizanya ko abantu bitwaje ibirwanisho baturutse mu gihugu kimwe bagatera ikindi, cane mu bice biri ku mipaka, kuva mu mwaka w’2015. Mu mpera z’ukwezi kwa 8 guheze, inzego zijejwe iperereza mu bisirikare bigize ivyo bihugu bibiri u Rwanda n’Uburundi zarahuriye hamwe ku mupaka wa Gasenyi-Nemba kugira zitorere umuti ukwo kutumvikana.

Ni igikorwa cari gihagarariwe nk’umuhuza n’urwego ruhuza ibisirikare vyo mu karere k’ibiyaga binini, “Mécanisme Conjoint de Vérification Elargi de la Conférence internationale sur la région des Grands Lacs”. Abo bategetsi mu gisirikare bavanye bumvikanye ko umutekano wo ku mipaka ugiye gucungererwa hamwe kandi ko izo nzego zizoja zirahanahana amakuru akwiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG