Uko wahagera

Uburundi Bwaranse Kwakira Abarundi Corona Yasanze mu Rwanda


Umupaka wa Kanyaru
Umupaka wa Kanyaru

Uburundi bwaranse kwakira Abarundi barenga 130 bugaraniwe mu Rwanda kubera imipaka yugawe bitumwe n’ikiza c’umugera wa Corona. Abenshi muri abo bari bagiye mu Rwanda ku mvo z’akazi canke bagiye kwivuza.

Ubuserukizi bw’Uburundi mu Rwanda bwababwiye ko borindira aho imipaka izokugururirwa kubera Reta yanse kubaha uruhusha rwihariye rwo kwinjira muri iki gihe. Ubu bamwe muri bo batanguye gusaba ubuhungiro muri ico gihugu.

Igitigiri ntabanduka c’Abarundi bose basugerejwe n'ico kibazo ntitwashoboye kukimenya, gusa ubuserukizi bw’Uburundi mu Rwanda bwemeza ko ababwituye bashaka gusubira mu gihugu bari hagati y’I 130 n’i 140.

Ambassade ivuga ko vyumvikana ko ari benshì kurusha abo kuko hashobora kuba hari abatayituye. Ni mu gihe aho baba mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Kigali, bavuga ko ingaruka mbi zatewe n’ico kibazo ari nyinshi.

Ku ruhande rwo mu Burundi, Jean Claude Karerwa Ndenzako, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yatangaje ko kugira abo Barundi bazotahukanwe bizoca mu nzego nyinshi harimwo n’iz’umutekano.

U Rwanda rworwo ruratangazwa n’ingene igihugu canka kwakira abanyagihugu baco. Dr Vincent Biruta, umushikiranganji w’imigenderanire y’u Rwanda n’amakungu yavyishuye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku ndwi iheze abajijwe kugira icavuze ku birego vy’Uburundi buvuga ko u Rwanda rwabujije impunzi gutahuka.

Iki kibazo ubwa mbere cari catewe n’umugera wa Korona ariko mu nyuma gihinduka ica politike n’imigenderanire hagati y’u Rwanda n’Uburundi, ibihugu bidacana uwaka kuva mu maka w’2015.

Ikibazo c'Abarundi Baheze mu Rwanda Kiratandukanije Imiryango
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:52 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG