Uko wahagera

Uburundi Bwahimbaje Imyaka 59 Iheze Bwikukiye


Perezida Ndayishimiye ageze ahabera ibirori vyo guhimbaza imyaka 59 Uburundi bumaze bwikukiye
Perezida Ndayishimiye ageze ahabera ibirori vyo guhimbaza imyaka 59 Uburundi bumaze bwikukiye

Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye yemeza ko hagiye gutangura igice n'ibihe bishasha hagati y'igihugu ciwe n'igihugu kibanyi c'u Rwanda.

Hari mu birori vyo kwibuka imyaka 59 iheze Uburundi bwikukiye, ibirori vyitabiriwe n'abategetsi b'ibihugu bitandukanye barimwo Edouard Ngirente, umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda.

Ivyo birori vyabereye ku kibuga mpuzamakungu c’umupira w’amaguru citiriwe “Intwari” cahoranye izina rya Rwagasore yarondeye intahe y’ukwikukira kugeza muri 2019 uwahoze arongoye Uburundi Pierre Nkurunziza agihinduriye izina.

Mu bashitsi b’iteka harimwo umukuru w’igihugu ca Repubulika ya Centre Afrika Faustin-Archange Touadera, uwo perezida Evariste Ndayishimiye yaheruka kugendera yimikwa mu mabanga, intumwa z’Ubuganda, Tanzaniya na Kenya hamwe rero n’umushikiranganji wa mbere w’u Rwanda, Edouard Ngirente.

Mw’ijambo yashikirije Abarundi n’abanyamahanga baba mu gihugu, perezida Ndayishimiye yasavye Abarundi kwirinda amacakubiri uko asa kose no kwankira uwo wese yobagunga yibutsa ko amabi yose n’ukudatera imbere kw’igihugu vyatewe n’Abakoloni. Ahawe ikaze, umushitsi yavuye mu Rwanda,Ngirente yashimye kuvuga mu gifaransa.

Ati: "Ngomba kwibutsa ubushake bw’u Rwanda bwo gukorana namwe nyakubahwa perezida, mu gutsimbataza imagenderanire yacu. Ndizera neza ko twempi twiteguye gukora dukomeza kandi tunateza imbere imigenderanire y’ubucuti ihasanzwe n’ugufashanya kubw’ineza y’amahanga yacu. Igihe kirageze co kwishimikiza inkingi zishikamye z’ubucuti bwacu bwa kera n’umuco kugira tugere kw’iterambere rirama”, Ngirente kandi yanibukije ko yaje mu birori nk’intumwa ya perezida Paul Kagame.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yasavye umushikiranganji wa mbere w’u Rwanda kumugereza ubutumwa kuri perezida Kagame no kumushimira cane, maze yizeza ko hagiye kugururwa ikindi gice c’imigenderanire hagati y’ibihugu vyompi.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’u Rwanda yatosekaye muri 2015 igihe umuhisi Pierre Nkurunziza yari perezida yitoreza ikindi kiringo cateye impari. Ivyo bihugu uko ari bibiri vyagumye vyagirizanya kubikiranira abansi kugeza mu mwaka uheze mu kwezi kwa cumi aho abashikiranganji b’imigenderanire bahurira ku mupaka wa Gasenyi-Nemba bari kumwe n’abaserukira ibisata vy’iperereza mu gisirikare maze hakomeza ukuganira ku mpande zose.

Perezida Ndayishimiye yavuze kandi ko ashimishwa n’ukubona Ubumwe bwa Bulaya imigenderanire yatosekaye ico gihe nyene buriko bushaka kwiyunga n’igihugu ciwe asaba iryo shirahamwe kudashira amananiza mu biganiro bariko baragiriranira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG