Uko wahagera

Ibihugu vy’Uburundi n’u Rwanda Vyasubiye Kwunga Ubucuti


Umushikiranganji Albert Shingiro na mugenzi we w'u Rwanda Vincent Biruta
Umushikiranganji Albert Shingiro na mugenzi we w'u Rwanda Vincent Biruta

Uburundi bwatangaje icese ko bwuguruye ku mugaragaro imipaka ico gihugu gisangiye n’u Rwanda, yari imaze imyaka itanu yugaye.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Albert Shingiro, yemeza ko ari mu ntumbero yo gukomeza ubucuti n’ico gihugu. Yamara Uburundi bubandanya gusaba u Rwanda kurungika abagirizwa guhirika ubutegetsi boba bacinyegeje mu Rwanda. Yabitangarije i Bujumbura mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru avuga ko Abanyarwanda bahawe ikaze mu Burundi nk’uko vyari bimeze imbere y’umwaka w’2015. Abanyarwanda n’Abarurundi begereye imipaka nko mu Cibitoke canke I Bugarama mu Karere ka Rusizi barashima iyo ngingo.

Intureka za politike zadutse mu Burundi mu mwaka w’2015 ni zo zari zaratumye ivyo bihugu bibiri bidacana uwaka. U Rwanda rwakiriye impunzi zirenga 70,000, maze Uburundi bubona kwitwara ko mu bahunze harimwo abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza.

Uburundi bwagumye busigura ko butogenderanira n’igihugu kibitse abansi baco. Yamara u Rwanda rwasiguye akari gake ko Abarundi bari mu Rwanda ari abahasavye indaro bahawe ubuhungiro n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. N’ubu, n’aho Uburundi bwuguruye imipaka yose, bwemeza ko bukirindiriye ko abo bwita abansi barungikwa gucirirwa urubanza muri ico gihugu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:12 0:00

Abaraba ibintu n’ibindi basaba ko iyugururwa ry’imipaka ritobangamira uburenganzira n’agateka k’impunzi z’Abarundi zahungiye mu Rwanda. Gusa, Gervais Nibigira, ku bw’ishirahamwe ryigenga RCP riharanira agateka ka zina muntu, asigura ko abazohungukira cane ari abanyagihugu begereye imipaka. Iyo ngingo ifashwe inyuma y’amanama atari make yari amaze kugirwa hagati y’ivyo bihugu bibiri, zaba izibera ku mipaka canke ku mirwa mikuru zifise intumbero yo kunagura ubucuti.

Imwe muri zo ni urugendo rwagizwe I Kigali n’umushikiranganji w’Ubutungane w’Uburundi yaherekejwe n’abacamanza batandukanye harimwo umushikirizamanza kizigenza wa republika, mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka. Vyatumye ubwoba buba bwinshi ku Barundi barungikiwe imitahe mpuzamakungu y’Ubutungane, ndetse bamwe muri bo bakatiwe atariho bari ku caha co gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Ico bikoze, u Rwanda rurahumuriza ko ata murundi yahawe ubuhungiro azorungikwa mu gihugu ciwe kiretse wenyene avyishakiye agahunguka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG