Uko wahagera

Umubano Hagati y'u Rwanda n'Uburundi Ugeze ku Yahe Ntambwe?


Bamwe mu bategetsi b'intara z'u Rwanda n'Uburundi babonanye
Bamwe mu bategetsi b'intara z'u Rwanda n'Uburundi babonanye

Kuri uno wa kabiri, abarongoye intara z’uburasirazuba n’amajyepfo mu Rwanda bari kumwe na buramatari w’intara ya Kirundo babonaniye i Gasenyi – Nemba kugira barabire hamwe ingene abaturiye imipaka bobana neza.

Inyuma y’umwaka umwe abo bategetsi bahuriye ku mupaka wa Nemba ugabura Uburundi n'u Rwanda, bongeye guhura kugira barabe aho ivyo bapfunditse bigeze. Bose hamwe barashima uko umubano wifashe hagati y’Uburundi n’u Rwanda.

Muri ivyo vyaranguwe harimwo no kubungabunga umutekano ku mipaka ivyo bihugu bihana. Ni mugihe mu kibira hakunze kuvurwa abantu bitwaje ibigwanisho batera u Rwanda mu nyuma bagasubirayo. Guverineri w’intara y’amajyepfo Kayitesi Alice arashima uko umutekano wifashe uno musi.

Inyuma rero yo kurabira hamwe ivya ranguwe, abo bategetsi baciye bapfundika ivyo bagiye kurangura mu misi ya vuba. Hatungimana Albert arongoye intara ya Kirundo, amenyesha ko bashize inguvu hamwe itakizobananira. Yabwiye Ijwi ry’Amerika ivyihutirwa.

Mu ntumbero yo kubandanya gukorera hamwe no guhuza abarundi n’abanyarwanda muri kino gihe imipaka yuguruwe ku mugaragaro, guverineri Gasana arerekana uko vyogenda.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’u Rwanda yari yatosekaye kuva igenekerezo rya 13 ukwezi kwa gatanu, umwaka 2015, aho hari abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza, bamwe mu ribo bagahungira mu Rwanda.

Kuva ico gihe reta y’Uburundi yari yararahiye ko idashobora kuganira n’u Rwanda abo bashatse gutembagaza ubutegetsi batarungitswe mu Burundi. Ariko muri ino misi, imibonano yagiye irahuza abategetsi batandukanye b’ivyo bihugu uko ari bibiri, imaze kugera ku ntambwe ishimishije ivyemezwa na perezida w’u Rwanda Paul Kagame.

Na perezida Evariste Ndayishimiye mu majambo yama yashikirije aremeza ko abarundi n’abanyarwanda bategerezwa kubana, akamenyesha ko ivyashitse ari ibere ryayaze hagati y’abavukanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG