Uko wahagera

Uburusiya Bugabisha Ukraine ko Ishobora Gutakaza Uburenganzira bwo Kwitwa Igihugu


Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yatangaje ko Uburusiya buriko bwitegurira gutera ama bombe mu gisagara citwa Odessa. Odessa ni igisagara kiri mu bikomeye muri Ukraine. Gifise ibibanza bitari bike vy’iratiro bitewe n’amazi agikikuje.

Mw’ijambo Prezida Zelensky yavuze biciye kuri tereveziyo, yasiguye ko Uburusiya bukaramuka buteye ico gisagara, bizoba vyinjiye mu mateka y’intambara n’ivyaha vy’intambara bitigeze bibaho muri kahise.

Muri iryo jambo, Prezida Zelenskyy yasavye abanyagihugu bo mu Burusiya guhitamwo hagati y’ “ubuzima n’ubucakara”, bakarwanya umubi yise ko arengeje urugero bigishoboka.

Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin nawe yagabishije Ukraine ayibwira ko ishobora gutakaza uburenganzira bwo kwitwa igihugu. Yashimangiye asigura ko amakungu akaramuka yihenze agashiraho amategeko agena uturere indege z’intambara zitemerewe kugurukiramwo muri Ukraine, umugabane wa Buraya uzohura n’ingorane nyinshi, zizokora kandi no ku bindi bihugu atari ivya Buraya.

Prezida wa Ukraine Zelenskyy yanebaguye ishirahamwe OTAN ryanse gushinga amategeko agena uburere indege z’intambara zitemerewe kujamwo muri Ukraine. OTAN yanse gushinga ayo mategeko ivuga ko ibikoze vyokwega intambara itewe n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG