Uko wahagera

Perezida Putin Yatanguje Ibikorwa vya Gisirikare mu Buseruko bwa Ukraine


ibiduga vy'intambara vy'Uburusiya
ibiduga vy'intambara vy'Uburusiya

Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin yatangaje ko atanguje ibikorwa vya gisirikare mu buseruko bwa Ukraine mu gatondo ko kuri uyu musi wa kane. Yavuze ko ibi abikoze kubera ako gace kabangamiwe na Ukraine kandi asaba ko ata kindi gihugu kivyinjiramwo.

Mw’ijambo yashikirije kuri Tereviziyo, yongeyeko ko abitambika imbere y’ibikorwa vy’Uburusiya mu ntara ya Donbas bazobona ingaruka batigeze kubona.

Muri ico gihe nyene, ibimenyeshamakuru bitari bike vyatangaje ko humvikanye ibisasu canke vya muzinga ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yavuze mw’ijambo yashikirije ko abanyagihugu ba Ukraine bariko barasugerezwa n’ibitero bidasobanutse vy’igisirikare c’Uburusiya.

Perezida Biden yavuze ko Perezida Putin yahisemwo intambara ata kindi izovyara atari kwica abantu no gusinzikaza ubuzima bwabo. Yavuze ko Uburusiya bwonyene aribwo buzobazwa impfu n’isamburwa iki gitero kizotera, kandi Amerika n’abo bafatanije bazovyishurako mu buryo bwiyunze kandi bukomeye. Yavuze ko isi izokwishuza Uburusiya iki gitero.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG