Uko wahagera

Perezida Putin Yemeje Ukwikukira kw'Intara Zibiri za Ukraine


Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin
Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin

Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin yafashe ingingo yo kwemeza ko intara zivuga ikirusiya za Donetsk na Luhansk ziri mu buseruko bwa Ukraine ziba amareta yikukiye. Iri tangazo rya Perezida Putin ryongereje ubwoba bw’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ko Perezida Putin agiye guca atera Ukraine vuba.

Perezidanse y’Uburusiya yavuze ko Putin yabimenyesheje abaperezida b’Ubufaransa n’Ubudagi kuri uyu wa mbere nyene.

Abantu hafi 14.000 barishwe muri ako karere kuva mu 2014, mu ntambara hagati y’abashaka kwiyonkora bashigikiwe n’Uburusiya hamwe n’inteko za Ukraine. Izi ntambara zatanguye kuva aho Uburusiya bwigaruriye igice ca Crimea cyahora kuri Ukraine.

Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ishirahamwe OTAN bavuze ko Uburusiya buriko bukora ibidakorwa muri izo ntara za Donetsk na Luhansk kandi kugira vyerekane ko inteko za Ukraine ari zo ziriko zongereza umutekano muke. Ibihugu vyo mu burengero bivuga ko Uburusiya buriko buragerageza kurondera icitwazo co gutera kugira buce bwitwaza ko butumbereye gukingira ba somambike nayo muri Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG