Uko wahagera

Perezida Biden Yafatiye Ibihano vy'Ubutunzi Uburusiya


Perezida Joe Biden
Perezida Joe Biden

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden kuri uyu wa kabiri yatangaje igice ca mbere c’ibihano ku Burusiya, birimwo intambwe zo guhagarika ico gihugu mu buryo bwo guhanahana amafaranga ku rwego rw’amakungu. Perezida Biden yavuze ko Uburusiya bwatanguye kuvogera muri Ukraine kandi ko n’izindi ngingo zikomeye zizobandanya zifatwa mu gihe Uburusiya bwobandanya ibitero.

Uburusiya ntibuzosubira kugwiza amafaranga buyakuye mu bihugu vy’uburengero kandi ntibuzoshobora kudandaza amafaranga ku masoko mpuzamakungu ya Buraya. Izi ngingo kandi zerekeye ibanki y’Uburusiya ijejwe iterambere hamwe n’abategetsi b’Uburusiya nkuko perezida wa Amerika yabivuze.

Perezida Biden yatangaje ko yahagaritse uguhanahana kw’amafaranga kw’ibanki ya reta hamwe n’iy’igisirikare c’Uburusiya. Ibi bisigura ko amatungo y’ayo mabanki yafashwe kandi zizobuzwa gukoresha uburyo bwo guhanahana amafaranga biciye muri Amerika.

Ibi bishikirijwe inyuma y’aho ishirahamwe rya Buraya naryo ryashize ahabona ibihano vyaryo vyo kuremera Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG