Uko wahagera

Perezida Biden Yafatiye Ibihano Intara Zikukiye kuri Ukraine


Perezida Joe Biden asinya itegeko rya perezida ribuza uguhanahana urudandaza no gushinga imitahe mu ntara zibiri ziyonkoye kuri Ukraine, White House i Washington, kw'itariki ya 21/02/2022
Perezida Joe Biden asinya itegeko rya perezida ribuza uguhanahana urudandaza no gushinga imitahe mu ntara zibiri ziyonkoye kuri Ukraine, White House i Washington, kw'itariki ya 21/02/2022

Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje kuri uyu wa mbere ibihano vy’ubutunzi ku ntara yise iz’abarobeli zo mu buseruko bwa Ukraine zemewe n’Uburusiya ko zikukiye. Amerika ivuga ko n’ibindi bihano vyinyongera bizofatwa bibaye ngombwa.

Perezida Joe Biden agiye kuzosohora itegeko rya perezida ribuza abanyamerika gushinga imitahe mishasha, gukora ibikorwa vy’ubudandaji no gutanga amafaranga muri ayo ma reta abiri, Donetsk na Luhansk.

Ibi vyatangajwe na Jen Psaki ajejwe kumenyeshamakuru muri perezidanse ya Amerika, White House.

Iri tegeko rya perezida rizoha kandi abategetsi ububasha bwo gufatira ibihano umuntu wese azokorera muri utwo duce twa Ukraine twiyonkoye. Psaki yavuze kandi ko izi ngingo zitandukanye n’izindi zirindiriwe gufatwa mu gihe Uburusiya bwotera Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG