Uko wahagera

Inama Nshingamateka y'Uburusiya Yarekuriye Prezida Gukoresha Inguvu za Gisirikare hanze y'Igihugu.


Inama nshingamateka y'Uburusiya ikoranye
Inama nshingamateka y'Uburusiya ikoranye

Inama nshingamateka y'Uburusiya yarekuriye uno musi ku wa kabiri Prezida Vladimir Putin gukoresha inguvu za gisirikare hanze y'igihugu.

Abagize inama nkenguzamateka y’Uburusiya n’urwego rw’igihugu rujejwe umutekano batoye ata n’umwe avuyemwo guha Putin uburenganzira bw’ugukoresha izo nguvu za gisirikare.

Ni ingingo ishobora gutuma Uburusiya bugira ibitero bikomeye muri Ukraine, inyuma y’uko Reta zunze ubumwe za Amerika zitangaje ko ibitero biza vyatanguye muri ico gihugu.

Abategetsi batari bake b’ibihugu vy’i Bulaya batangaje ko inteko z’Uburusiya zinjiye mu bice biri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi bwa Ukraine bari mu buseruko bw’igihugu. Ni inyuma kandi y’uko Prezida Putin yemeje ukwikukira kw’ivyo bice.

Yamara ivyerekeye ibitigiri vy’inteko z’Uburusiya zinjiye muri ivyo bice ntibitomoye. Ukraine n’ibihugu bicuditse vyo mu burengero bw’isi bimaze igihe bivuga ko inteko z’Uburusiya zimaze igihe zigwana muri ivyo bice, ivyagirizo abategetsi b’ico gihugu bahakana.

Putin yashikirije ibintu 3 asaba kugira ikibazo ca Ukraine gihagarare. Yasavye ko amakungu yemera ko intara ya Crimeya yegukira Uburusiya, Ukraine ihagarika gusaba kwinjira mw’ishirahamwe OTAN, n’uko ibirwanisho birungikwa muri ico gihugu bihagarikwa.

Ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyariyamirije ingingo y’Uburusiya y’ukwigarurira intara ya Crimeya, mu kuvuga ko irenga ku mategeko mpuzamakungu. Vyariyamirije kandi vyivuye inyuma kwankira burundu Ukraine kwinjira mw’ishirahamwe OTAN.

Amakungu yiyamirije buno nyene ingingo y’Uburusiya y’ukwemeza ko intara zibiri zishaka kwiyonkora kuri Ukraine ziri mu buserurko bw’igihugu zigenga.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky yatangaje ko ariko yiyumvira guhagarika imigenderanire n’Uburusiya. Ukraine yatumyeko ambasaderi wayo i Moscou. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG