Uko wahagera

Uburusiya Bwagavye Ibitero mu Bibanza Bitandukanye muri Ukraine


Imwe mu nzu yahitanywe n'ibisasu vy'Uburusiya
Imwe mu nzu yahitanywe n'ibisasu vy'Uburusiya

Uburusiya bwatanguye kugaba ibitero bikomeye kuri Ukraine, mu biriko bigira ingaruka kw'isi. Ivyo bitero vyakozwe mu bisagara bitari bike birimwo umurwa mukuru Kiev, n’ibibanza vya gisirikare, hakoreshejwe indege z’ingwano na vya muzinga. Muri ico gihe abasivile bariko barahunga bakoresheje amatereni n’imodoka.

Abasirikare b’Uburusiya bavuga ko basambuye ubuhinga bwose bw’ukwivuna umwansi bw’igihugu ca Ukraine mu kiringo c’amasaha makeyi. Yamara ivyatangajwe n’Uburusiya ntivyashoboye kwemezwa buno nyene.

Reta ya Ukraine yatangaje ko ibimodoka vya blinde vy’Uburusiya n’inteko z’ico gihugu binjiye ku butaka bwa Ukraine, mu vyo ivuga ko ari ingwano nyakuri yatanguye.

Mu gutangaza ibikorwa vya gisirikare bikomeye, nta gaciro prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yahaye amakungu amwiyamiriza hamwe n’ibihano bishasha yamufatiye. Yagabishije igihugu icarico cose co mu makungu kizogerageza kwivanga mu vyo igihugu ciwe kiriko kirakora ko kizoshikirwa n’inkurikizi kitari bwigere kibona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG