Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya mu Nama y'Ibitero vy'Uburusiya muri Ukraine


Abashikiranganji bajejwe ikigega b'ibihugu vy'ishirahamwe ry'ubumwe bw'Ubulaya bakoraniye i Bruxelles uno musi ku wa gatanu kugira baganire ibiriko bibera muri Ukraine.

Ivyo biganiro hagati yabo bizomara imisi ibiri bizoshimikira ku bitero vy’igihugu c’Uburusiya muri Ukraine. Ishirahamwe ry’umuwe bw’Ubulaya rizogerageza kwihweza ukugene ingwano iriko ibera ku mbibe zaryo izogeramira ubutegetsi bw’igihugu 27 birigize.

Abashikiranganji bajejwe ikigega b’uwo muryango bazovyihweza mu gihe bitegekanijwe ko abategetsi b’ibihugu vy’Ubulaya bafatira uno musi ku wa kane ku muhingamo ibihano bikomeye cane Uburusiya, hamwe n’ibihano ico gihugu gishobora gufata mu kwishura.

Vyari bitegekanijwe ko baganira ukunaguka kw’ubutunzi inyuma y’ikiza ca Covid-19 imbere y’uko Uburusiya butera Ukraine. Yamara muri iki gihe bashimikiye ku biriko bibera muri Ukraine.

Urwego nyobozi rw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya rwari rwatangaje mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka ko ubutunzi bwari kwiyongera muri uyu mwaka ibice 4 kw’ijana mu bihugu 19 bisangiye ifaranga rya euro.

Yamara ingwano muri Ukraine yatumye ibintu bihinduka ku bijanye n’ubutunzi muri ako karere kubera katazoshobora gusubira gushorera ibidandazwa vyako mu Burusiya hisunzwe ibihano, kandi Uburusiya nabwo bushobora kwishura mu kugabanya umwuka utanga inguvu n’ibitoro bushorera i Bulaya. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG