Uko wahagera

Ibisasu Vyumvikanye mu Bisagara Bitari Bike vya Ukraine


UKRAINE-CRISIS/
UKRAINE-CRISIS/

Ibisasu biturika vyumvikanye mu gaturuturu ko kuri uyu wa kane ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev no mu bisagara bitari bike biri hafi y’ahabera intambara, inyuma y’aho Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin atangarije ibikorwa vya gisirikare.

Abamenyeshamakuru b’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, nabo nyene batangaje ko bumvise ibisasu mu gisagara ca Odessa kiri ku kivuko kw’ibahari ryirabura, hafi y’ahari abarobeli bashigikiwe n’Uburusiya.

Ibisasu vyumvikanye kandi i Kharkiv, mu gisagara kigira kabiri mu bunini, kiri ku birometero 35 ku rubibe n’Uburusiya kandi hanze y’aho Ukraine yarwaniye n’abashigikiwe n’Uburusiya kuva mu 2014.

Ukraine yugaye ikirere ku ndege za gisivile kandi umushikiranganji w’imigenderanire Dmytro Kuleba yanditse ubutumwa kuri Twitter ko igihugu ciwe catewe nka cose. Uwo mushikiranganji yavuze ko ibikorwa vy’igisirikare c’Uburusiya bigamije gusambura igihugu ca Ukraine, ariko avuga ko ababarwanira biteguye kubashigikira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG