Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Bwafatiye Ibihano Uburusiya


POLAND-EU/ 
POLAND-EU/ 

Ishirahamwe rya Buraya kuri uyu wa gatatu ryafatiye ibihano umushikiranganji w’Uburusiya wo kwivuna abansi Sergei Shoigu hamwe n’abakuru mu gisirikare. Bahowe ingingo y’Uburusiya yo kwemera ukwikukira kw’intara zibiri za Ukraine ziyonkoye.

Bazohagarikirwa amatungo yabo bongere bimwe amaviza yo kwinjira ku mugabane wa Buraya. Abahanwe ni abasirikare bakuru barimwo abakomanda b’igisirikare c’Uburusiya, ab’igisirikare kirwanira mu mazi, mu kirere, umukuru w’abakozi muri perezidanse. Abandi ni uwurongoye televiziyo ya reta, RT, hamwe n’umuvugizi w’umushikiranganji w’imigenderanire.

Uburaya bwashize ku rutonde rwirabura abantu 23 buvuga ko bagize uruhara mu bikorwa vya gisirikare vyo kuvogera Ukraine, abafashe ingingo zikomeye za poritike hamwe n’abajuragije amakungu mu gutanga amakuru atari yo y’intambara.

Abandi bafatiwe ibihano ni abashingamateka barenga 300 bo mu nama nshingamateka y’Uburusiya Duma batoye baremeza ko Perezida Putin yemeza ukwikukira kw’intara zibiri za Ukraine.

Ubumwe bwa Buraya bwafashe kandi ibihano vy’ubutunzi mu kubuza Uburusiya kuzoronswa ideni ku mabanki yo ku mugabane wa Buraya. Babujije kandi ko hari ibidandazwa bizokwinjira mu Burayi bivuye mu ntara zibiri ziyonkoye kuri Ukraine ari zo Donetsk na Lugansk.

Ubumwe bwa Buraya bwavuze ko uyu ari umurwi wa mbere w’ibihano wateguwe ku Burusiya ariko kandi ko ibindi birindiriye ko Uburusiya butangura igitero nyezina kuri Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG