Uko wahagera

Reta ya Perezida Joe Biden Irondera Miliyari $32.5 Zo Gufasha Ukraine


Perezida Joe Biden w'Amerika
Perezida Joe Biden w'Amerika

Reta ya Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, iriko isaba Inama nshingamateka izindi miliyaridi 32 n'imiliyoni 500 y'amadolari agenewe gufasha Ukraine no kwongereza inguvu ku bijanye no guhangana n'ikiza ca Covid-19.

Reta ya Prezida Biden iriko irondera imiliyaridi 10 z’amadolari agenewe gufasha guha imyimenyerezo ya gisirikare abasirikare ba Ukraine, gukingira uburyo butanga umuyagankuba muri ico gihugu, kwongereza inguvu z’uburyo bwo kwikingira ibitero ku vyuma nyabwonko hamwe no gushira mu bikorwa ibihano yafatiye Uburusiya. Ikinyamakuru co muri Amerika, The Washington Post, ni co catangaje iyo nkuru.

Izindi miliyaridi 22 n’imiliyoni 500 azokoreshwa mu kwongereza inguvu igihugu ca Ukraine mu rugamba kirimwo rwo kurwanya ikiza ca Covid-19. Ni mu gihe Reta ya Amerika yiteguriye guhangana n’ico kiza mu kiringo kirekire kiri imbere hamwe no kwitegurira ubwoko bushasha bw’ico kiza bushobora kwaduka.

Ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, biza gusaba icese inama nshingamateka iyo mfashanyo yihutirwa ku muhingamo, uyu musi ku wa kane.

Ntaco abaserukira ibiro vya prezida bishuye buno nyene ku makuru y’igitigiri c’ayo madolari reta isaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG