Uko wahagera

ONU: U Rwanda Rwemeje ko Uburusiya Buva muri Ukraine, Uburundi Ntaco bwavuze


Inama yabose ya ONU itora canke yemeza ko Uburusiya buva muri Ukraine
Inama yabose ya ONU itora canke yemeza ko Uburusiya buva muri Ukraine

Inama rusangi y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu wa gatatu yemeje ku bwinshi ko Uburusiya buva ubu nyene muri Ukraine.

Iyo nama yaragaye igitero c'Uburusiya kuri Ukraine yongera inegura ingingo ya Perezida Vladimir Putin yo gutegekanya ibirwanisho vya nikereyeli bikaba magabo.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yavuze ko ico cemezo c’inama ya bose ya ONU gitahuritse neza, ko intambara muri Ukraine ibwirizwa guhagarara, ibirwanisho bigashirwa hasi.

Inyuma y’impari zamaze imisi ibiri, aho ambasaderi wa Ukraine yagiriza Uburusiya jenoside, ibihugu 141 kw'193 ku bigize ONU vyemeje iyo nteguro y’itegeko.

Ubushinwa n’Ubuhindi biri mu bihugu 35 vyahisemwo kutagira ico bivuga, mu gihe ibihugu bitanu ari vyo Eritreya, Koreya y’Uburaruko, Siriya, Biyerorusiya hamwe n’Uburusiya vyatoye oya.

Mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini, Uburundi bwahisemwo kutagira ico buvuga, mu gihe u Rwanda rwatoye rwemeza ko Uburusiya bukwiye kuva muri Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG