Uko wahagera

Ubushinwa Bwanse Gushigikira Uburusiya mu Ntambara Burimwo muri Ukraine


Ubushinwa bwanse gushigikira Uburusiya bufatwa nk’umugenzi soma mbike wabwo, buhitamwo kutagira ico buvuga ku ngingo Amerika yashize imbere y’akanama ka ONU kajejwe umutekano, yiyamiriza ibitero Uburusiya buriko bugaba muri Ukraine.

Uretse ko Ubushinwa butagize ico buvuga ngo bwemeze canke buhakane iyo ngingo, bwasohoye itangazo rishobora kutakirwa neza ku ruhande rw’Uburusiya. Ambasaderi w’Ubushinwa muri ONU, Zhang Jun, yasavye ashimitse ko Uburusiya bwubahiriza ubwigenge bwa Ukraine no kutavogera ico gihugu.

Ambasaderi Zhang muri iryo tangazo, yagize ati: “ Ukraine yari ibwirijwe kuba igitarurwa gihuza Uburengero n’Ubuseruko, hakuba ikibuga kigwanirwako n’ibihugu vy’ibihangange.” Uwo mutegetsi aserukira Ubushinwa muri ONU ariko yanavuze ko ubwoba Uburusiya bufise bw’uko ishirahamwe OTAN ryifuza kwaguka, rikongeramwo Ukraine nk’igihugu c’umunyamuryango waryo bwumvikana.

Kubona Ubushinwa mbwanse kugira ico buvuga ku ngingo itera ivyatsi intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine vyateye ibibazo vyinshi birimwo kumenya niba Ubushinwa ku munota wa nyuma bwoba bushaka gutererana Uburusiya, canke niba busanga Uburusiya bwarengeje urugero, burenga akarimbi butibaza ko bworenga mu gusomborotsa Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG