Uko wahagera

ONU Yiteze ko Abanyagihugu Bagera ku Miriyoni 4 Bahunga Ukraine


Bamwe mu banyagihugu ba Ukraine batanguye guhunga
Bamwe mu banyagihugu ba Ukraine batanguye guhunga

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine ishobora gutuma abanyagihugu ba Ukraine bagera ku miriyoni 4 bahunga igihigu cabo. ONU yemeza ko bizoba bibaye ibitigiri biri hejuru cane umugabane wa Buraya utigeze ubona haraheze imyaka 70.

Kugera ino saha, ibitigiri bitangwa na ONU vyerekana ko abanyagihugu ba Ukraine bamaze guhungira mu bihugu bibanyi vyabo bagera ku bihumbi 368. Iryo shirahamwe mpuzamakungu rikavuga ko ryiteze ko ivyo bitigiri bibandanya kuduga.

Ibihugu birimwo Pologne, Rumaniya, Slovakiya na Hongriya vyabaye birihoza amabwirizwa yo gukinga ikiza ca Virusi ya Corona kugira vyorohereze abanyagihugu ba Ukraine bariko barahunga. Pologne yavuze ko imbibe zayo zuguruye, ata n’umwe izosaba impapuro z’inzira kugira imwakire kandi ata n’umwe azokumirwa.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abanyamerika, AP, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru ryavuze ko imirongo y’imiduga iri ku rubibe rwitwa Medyka ruhuza Ukraine na Pologne ari miremire cane.

Umushikiranganji wa mbere wa Hongriya, igihugu soma mbike ca Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, nawe yavuze ko igihugu ciwe kizokwakirana urweze abanyagihugu ba Ukraine kandi ko citeguriye gushigikira ingingo zose zihana Uburusiya. Abariko barahunga Ukraine bagwiriyemwo abana n’abagore bivuye kw’itegeko Prezida wa Ukraine yasohoye ribuza abagabo n’imisore ifise imyaka irenga 18 guhunga. Uburusiya bwatanguye gutera Ukraine kuva ku wa kane w’ino ndwi turiko turasozera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG