Uko wahagera

Uburusiya na Ikerene Barwanira Kwigarurira Umurwa mukuru Kiev


Umusirikare wa Ukraine ku murwa mukuru Kiev

Intambara z’urutavanako hagati y’Uburusiya na Ikerene zirabandanya. Impande zose zirwana ubu ziriko ziraba ko zimwe zigumana umurwa mukuru wa Ukraine Kiev, izindi zikarondera kuwigarurira. Hagati aho abanyagihugu barenga 100.000 baramaze kujabuka muri Polonye bahunga izo ntambara.

Ibisasu vya muzinga hamwe n’inkoho zikomakomeye zumvikanye kuri uyu wa gatandatu ku murwa mukuru wa Ikerene, Kiev, mu gihe inteko z’Uburusiya n’iza Ikerene zihanganye, uruhande rwa Ikerene rurwanira kugumana iki gisagara urundi rw'Uburusiya rugomba kucigarurira. Abategetsi b’ico gisagara bashizeho amategeko abuza abanyagihugu kuva mu mazu yabo kuva isaha 11 z’umuhingamo gushika isaha zibiri z’agatondo.

Hagati aho, abategetsi b’igihugu kibanyi Polonye bavuga ko abantu hafi 100.000 bamaze kujabuka umupaka bavuye muri Ukraine.

Abategetsi ba Ikerene basaba abenegihugu gufasha kurwanira umurwa mukuru Kiev, kugira inteko z’Uburusiya ntiziwigarurire. Ikambi imwe ya gisirikare ku murwa mukuru yatewe ariko igisirikare ca Ikerene cavuze ko ico gitero casubijwe inyuma.

Inzu y’igorofa ibamwo abantu yaguweko n’ibisasu mu gatondo k’uyu wa gatandatu mu masaha yo muri Ikerene. Umushikiranganji wa Ukraine w’imigenderanire n’ayandi makungu yavuze ko iyo nyubakwa yatewe na Misile y’Uburusiya.

Perezida wa Ikerene, Volodymyr Zelenskyy yatangaje ko ibitero ku murwa mukuru Kiev bishobora kwiyongera kuri uyu wa gatandatu. Yavuze ko iki gisagara kidakwiye gutakazwa.

Perezida Zelensky yavuze akoresheje urubuga Twitter ko yavuganye na perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron, amwemerera ko inkoho hamwe n’ibindi birwanisho biri mu nzira biva mu bihugu vya Buraya bicuditse. Yavuze kandi ko urunani rw’ababashigikiye ruriko rurakora.

Hagati aho, umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe kwivuna abansi yavuze kuri uyu wa gatandatu ko abasirikare b’Uburusiya bafashe igice c’ubumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Ikerene citwa Melitopol.

Abategetsi ba Amerika n’abo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi bavuze ku musi wa gatanu ko abasirikare b’Uburusiya bariko begereza umurwa mukuru Kiev hamwe no mu bindi bisagara bikomeye, mu ntumbero yo gucagagura reta ya Ikerene.

Umutegetsi wo hejuru muri Amerika, atashatse kwimenyekanisha yabwiye ibimenyeshamakuru ko Uburusiya bumaze kurasa Misile zirenga 200 kuva urwo rugamba rutangura. Uwu mutegetsi avuga ko Uburusiya buriko burazibirwa uko butari buvyiteze.

Ku murwa mukuru Kiev, Perezida Zelenskyy ariko agerageza guhumuriza igihugu mu kurwanya ibihuha bivuga ko we n’abagize reta bahunze. Yavuze ko bakiri ku murwa mukuru kandi bariko barwanira ubwigenge bwabo n’igihugu cabo.

Hagati aho ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Amnesty International rivuga ko Uburusiya bwoba bwakoze ivyaha vyo mu ntambara mu gutera Ikerene.

Ibihugu vyo mu burengero bw’isi, hambavu yo gutera intege abasirikare ba Ikerene, vyavuze ko ibintu bitoroshe ku rubuga rw’intambara, kuko bishobora guhinduka vuba na vuba kubera ko bibiri vya gatatu vy’abasirikare b’Uburusiya bangana 190.000 bari muri iyo ntambara.

Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG