Uko wahagera

ONU Isaba Amakungu Kugurura Imbibe ku Banyafurika Bahunga Ukraine


Bamwe mu banyafurika baba muri Ukraine
Bamwe mu banyafurika baba muri Ukraine

Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho impunzi, HCR, risaba ibihugu bihana imbibe na Ukraine kwugururira imbibe zavyo abanyafrika bariko bahunga ico gihugu.

Abanyafrika n’abandi banyamahanga ibihumbi n’ibihumbi cane cane abanyeshule bariko bagerageza kuva muri Ukraine kuva Uburusiya butanguye ibitero muri ico gihugu kw’italiki 24 y’ukwezi kwa kabiri.

Abantu barenga 800.000 bahunze Ukraine barakiwe n’ibihugu bibanyi biri mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya. Amasanamu ya videwo yerekeye ikumirwa ry’abanyafrika mu bibanza abantu bategereramwo amatereni n’ibibanza biri ku mbibe abantu bajabukiramwo yarahererekanijwe ku mbuga ngurukanabumenyi.

Buchizya Mseteka, umuvugizi w’ishirahamwe HCR muri Afrika y’epfo, avuga ko iryo shirahamwe ritarasuzuma ayo makuru, ko yamara ririko risaba ibihugu bihana imbibe na Ukraine gukora ibishoboka kugira abantu bose bariko bahunga ico gihugu bafatwe co kimwe. Amenyesha ko ishirahamwe HCR rifise impungenge ku makuru avuga ko hari abantu bariko bakumirwa kubera ibara ry’urukoba rwabo. Atangaza ko bariko barabikwirikiranira hafi. Avuga ko HCR yahumurijwe ko gukumira abantu bifatiye kw’ibara ry’urukoba atari imigambi ya reta.

Umuryango w’ubumwe bwa Afrika na wo nyene watangaje ko utewe impungenge zikomeye n’amakuru avuga ko abanyafrika muri Ukraine bariko barahunga bariko barankirwa uburenganzira bw’ukujabuka imbibe z’ico gihugu. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG