Uko wahagera

Perezida Biden Yashikirije Ijambo Abanyamerika n'Amakungu


State of the Union
State of the Union

Nkuko bimenyerewe buri mwaka, Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Joe Biden yaraye agejeje ijambo ku gihugu imbere y'inama nshingamateka na sena zikoranye. Avugamwo ivyo yaranguye n’ivyo yimirije kuzokora muri manda yiwe y’imyaka ine nka perezida.

Ku bijanye n’intambara ibera muri Ukraine ari nayo yahereyeko, Perezida Biden yavuze ko Perezida Vladimir Putin yaharuye nabi kuko ngo abanyaukraine bahagurukiye rimwe baramuzibira uko atari avyiteze. Yavuze ko Putin yari azi ko acanishamwo OTAN ariko vyaramunaniye. Putin ngo ubu yarakumiriwe kw’isi hose ibitari bwigere bibaho.

Ariko yagarutse ko ata musirikare wa Amerika azohonyoza ikirenge muri Ukraine ariko ko Amerika izorwanira igihugu cose co muri OTAN kizoterwa.

Ku bijanye n’ubutunzi, perezida Biden yavuze ko iyi ntambara izogira ingaruka ku gitoro, ariko arahumuriza ko Amerika yakoranye n’ibihugu 30 kugira basohore utugunguru twa essence tungana imiriyoni 60 ku gitoro caziganijwe kw’isi. Amerika nayo yemeye kuzosohora imiriyoni 30 z’utugunguru hano muri Amerika mu co yaziganije kugira ibiciro ntibiduge.

Yavuze ko hatanzwe ubuzi bushasha ku banyamerika bangana imiriyoni 6.5 mu mwaka uheze honyene, ibitari bwigere bibaho muri kahise ka Amerika. Ubutunzi bwariyongereye ku bice 5.7 kw’ijana.

Kubijanye na Covid-19, yavuze ko abandura n’abapfa bagabanutse, aho udupfukamunwa turiko turakurwa ku bantu. Hatibagiwe kubandanya irwanwa, abataracandagwa bahamagarirwa kubikora kugira bikingire.

Yavuze ko Amerika izobandanya gutanga incanco kw’isi. Incanco imiriyoni 475 zararungitswe kw’isi mu bihugu 112, ku buryo Amerika ngo ari yo iza imbere y’ibihugu kw’isi mu gutanga izo mpano.


Mu bujanye n’umutekano yagarutse ku bwicanyi buterwa n’ibirwanisho binyuragirana mu banyagihugu ba Amerika, yiyemeza ko hazofatwa ingingo ku rudandazwa rw’inkoho mu buryo butemewe n’amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG