Uko wahagera

Uburusiya Buvuga ko Bwigaruriye Kherson, Ukraine Ikabihakana


Bamwe mu basirikare mu gisagara ca Kherson
Bamwe mu basirikare mu gisagara ca Kherson

Abanya Ukraine batangaza ko babandanya kurwana mu gisagara ca Kherson kiri mu bumanuko bwa Ukraine. Uburusiya bwo butangaza ko bumaze kwigarurira ico gisagara.

Muri ico gihe Uburusiya bwongereje ibitero vy’amabombe mu bice bikomeye birimwo abasivile. Ibihugu vyo mu burengero bw’isi bifise impungenge ko ico gihugu kiriko gikoresha uburyo bukomeye kugira gishobore kwinjira mu bisagara cari citeze ko cari gufata ata ngorane.

Ibitero bikomeye vy’amabombe vyabareye mu gisagara ca Kharkiv, kiri mu buseruko bw’igihugu kirimwo abantu umuliyoni n’ibihumbi amajana atanu. Inyubakwa ziri muri ico gice kiri hagati muri ico gisagara zarasenyuwe n’amabombe.

Abategetsi muri ico gisagara bavuga ko abantu 21 bishwe n’ibisasu vya muzinga n’amabombe y’indege z’ingwano mu kiringo c’amasaha 24 arangiye, abandi 4 bishwe mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, mw’ijambo ryiwe ry’umwaka yashikirije abanyamerika mw’ijoro ry’ejo ku wa kabiri, yatangaje ko prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yari yibajije ko yari kwinjira muri Ukraine ata ngorane na ntoyi, kandi ko amakungu yari kurorera. Ngo yamara yahanganye n’uruhome rw’inguvu z’abanya Ukraine atari yiteguriye canke yibajije.

Uburusiya butangaza ko bwarungitse ababuserukira mu ncuro ya kabiri y’ibiganiro vy’amahoro muri Belarus hafi y’urubibe. Yamara prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yatangaje ko Uburusiya bukeneye guhagarika ibitero vy’amabombe niba gishaka kuganira ivyerekeye amahoro. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG