Uko wahagera

Uburusiya na Ukraine Bahanahanye Imbohe za Mbere zo mu Ntambara


Perezida wa Urkaine Volodymyr Zelenskyy ku rugamba rw'intambara
Perezida wa Urkaine Volodymyr Zelenskyy ku rugamba rw'intambara

Uburusiya na Ukraine bahanahanye imbohe za mbere zo mu ntambara kuri uyu wa kabiri, kuva aho Uburusiya butanguriye gutera, haraheze imisi itandatu. Ariko ibi vyabaye ku musi nyene igisirikare c’Uburusiya congereje ibitero mu bisagara bitandukanye vya Ukraine cane cane ku nyubakwa z’abasivile no ku bigo bikomeye vyo gutumatumanako amakuru. Ahatewe harimwo na antene ya Televiziyo ikomeye ku murwa mukuru Kiev, hamwe n’ahari icibutso c’ahahambwe ibihumbi vy’abayahudi bishwe mw’ihonyabwoko ryo mu 1941.

Abategetsi ba Ukraine bavuze ko abantu batanu bishwe mu gitero co kuri antene ya Televiziyo. Umushikiranganji wo kwivuna abansi yavuze ko amatereviziyo amwe azomara igihe adashikiriza ibiganiro.

Amasanamu atangwa n’ibigendajuru vya Satelite yerekana umurongo muremure w’ibirometero 60 w’ibiduga vy’intambara vy’Uburusiya vyegereza umurwa mukuru Kiev. Ibi bigaragaza ko Uburusiya bwongereje inguvu mu gushaka kwigarurira umurwa mukuru baciye ku butaka, aho bategekanya igitero simusiga kuri uyu wa gatatu canke uwa kane.

Ni mu gihe ibiganiro vy’amahoro hagati y’Uburusiya na Ukraine vyongera kuba muri iyi ndwi, ariko perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yavuze kuri uyu wa kabiri ko Uburusiya bubwirizwa kubanza guhagarika gutera amabombe imbere yuko ivyo biganiro vyongera gutangura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG