Uko wahagera

Ukraine: Uburusiya Bwigaruriye Ikibanza c’Amasoko Ntanganguvu y’ Umuyagankuba


Igitero Uburisya bwakoze muri Ukraine kuri ico kibanza kinini ca mbere ku mugabane w’Uburaya bwose gitanga umuyagankuba, nta myuka y’ubumara, cateye.

Abajejwe kuzimya umuriro baciye bihuta kuwuzimya ku nyubakwa zirimwo ubwo ububasha bwo gutanga ayo masoko ntanganguvu mu vyerekeye umuyagankuba, nk’uko vyatangajwe n’abategetsi ba Ukraine hamwe n’abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Uyu musi ku wa gatanu kandi ingabo z’Uburusiya zabandanije ibitero kuri Ukraine, naho amakungu abandanya kuvyiyamiriza.

Umuyobozi mukuru w’ibiro mpuzamahanga bijewe amasoko ntanganguvu akoreshwa na “nikleyeri”, Rafael Mariana Grossi, uyu musi ku wa gatanu yatangaje ko inyubakwa yarashwe n’ikibombe c’Abarusiya, itari ahasanzwe hari icyuma gitanga inguvu, ahubwo ico kibombe caguye mu kibanza c’imyimenyerezo.

Abategetsi bakwirikiranira hafi ivyerekeye amasoko ntanganguvu ya“ nikleyeri” bava mu gihugu c’Ubuswede no mu Bushinwa, batangaje ko gushika ubu ata myuka y’ubumara iribonekeza, nk’uko kandi Grossi, yavyemeje.

Abategetsi ba Ukraine bavuga ko abasirikare b’Uburusiya bafashe mu minwe yabo ibibanza vyose birimwo ayo masoko ntanganguvu muri Ukraine. Yamara basigura ko abakozi bari basanzwe bahakora ari bo babandanya kugenzura ibikorerwa muri ivyo bibanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG