Uko wahagera

Perezida Macron Azohiganirwa Manda ya Kabiri


Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron mu nama y'abashingamateka ba Buraya i Strasbourg

Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yatangaje ku mugaragaro ejo kuwa kane ko azohiganirwa manda ya kabiri nka perezida mu matora ategekanijwe mu kwezi kuza, intambara muri Ukraine yasamaje amakungu itazotuma imyiyamamazo igenda neza.

Iri tangazo ryari ryaratebejwe kubw’intambara iriko iraba muri Ukraine yatumye afatirirwa n’ibiganiro vya dipolomasi.

Mu gihe kuri uyu wa gatanu ari wo munsi wa nyuma w’abakandida wo kwimenyekanisha, ibiharuro biva mu matohoza yakozwe vyerekana ko aza imbere y’abandi, kubwo gushira umutima cane kuri poritike mpuzamakungu aho gushira umutima ku bibazo biri mu gihugu biriko bishirwamwo inguvu n’abo bahiganwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG