Radio
Amakuru mu Gitondo
Leta y'Uburundi igiye kworohereza abagenderera igihugu bose kubona viza bitavunanye. Mu Rwanda ejo hatangiye icyumweru cyahariwe ubucamanza bashakira umuti ibibazo byugarije urwo rwego harimo icy’imanza zitinda mu nkiko. Leta ya Tanzaniya yaraye ifunze burundu inkambi y’impunzi z’Abarundi ya Mutendeli. Abari bayirimo bose bimuriwe mu nkambi ya Nduta.
Amakuru y'Akarere
Ingingo nkuru zigize amakuru yo kuri uno mugoroba: Umuriro wadutse mw'ibohero ry'i Gitega mu Burundi wahitanye abatari bake. Muri Republika ya Demokarasi ya Kongo I Bukavu bishimiye irekurwa rya Vital Kamerhe yahoze ari umukuru w’ibiro vya Perezida Tshisekedi Mu mpera z’ano makuru, Ijwi ry'Amerika ibumvisha inkuru y’abayabaga b’abarundikazi 2 bahujwe n'ivyago, umwe ahebera uwundi ifyigo kandi batari basanzwe bazinanye.
Amakuru ku Mugoroba
Ingingo nkuru zigize amakuru yo kuri uno mugoroba: Umuriro wadutse mw'ibohero ry'i Gitega mu Burundi wahitanye abatari bake. Reta ya Uganda yemeje ko abantu 9 bapimwe ubwoko bushasha bw’umugera wa Covid-19 bwa Omicron. Prezida wa Amerika Joe Biden na Vladimir Poutine w'Uburusiya basa nk'abahangaye ku kibazo co muri Ukraine.