Radio
Amakuru mu Gitondo
U Rwanda rwategetse ko ingendo z’indege hagati ya rwo n’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubumanuko zihagarikwa kubera ubwoko bushasha bwa Covid-19, Omicron bwateye. Umurwi witwa Twirwaneho uhurikiyemwo abanyamulenge, uvuga ko kugira bashire ibirwanisho hasi, Reta ya Kongo ibwirizwa gukingira abanyagihugu.
Amakuru y'Akarere
Ubwoko bushasha bw'umugera wa Corona bwirwa Omicron burateye ibibazo bikomeye amakungu. Irani yiyemeje gushika ku masezerano n'ibihugu vy'ibihangange vyo kw'isi ku vyerekeye kugarukira amazezerano ya nucleaire yashitsweko mu mwaka w'i 2015 mu biganiro bitangura uno musi ku wa mbere i Vienne muri Otrishyiya Mu Burundi umugwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo ufise amakenga ko ikiringo c’awo kigiye kurangira mu mezi atatu ari imbere utaraheza igikorwa washinzwe, haraheze imyaka 15
Amakuru ku Mugoroba
Perezida wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Félix Tshisekedi, yahaye uruhushya ingabo za Uganda, kujya kurwanya umutwe wa ADF mu burasirazuba bw'igihugu cye. Israeli yemeye kwakira abandi Bayahudi b'Abanyetiyopiya 3,000 Minisiteri y’Ubuzima mu Rwanda, yashyize ahagaragara urutonde rw’ibihugu 9 abagenzi babiturutsemo bagomba guhita bajya mu kato k’iminsi irindwi.