Radio
Amakuru mu Gitondo
Mu Burundi kandi, ikigo cy'igihugu kijejwe gutoza amakori n’amatagisi, OBR, cyatangije icyumweru cyahariwe kwegeranya amakori. Mu Rwanda, umuryango w'abafite ubumuga bw’uruhu uramagana ihohoterwa abakobwa babuvukanye bakorerwa. Ububiko bw’Ibifungurwa vya PAM bwasahuwe muri Etiyopiya
Amakuru ku Mugoroba
Ingingo zigize amakuru yo ku mugoroba: Icegeranyo gishasha c’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ubwigenge bwo gutangaza amakuru, CPJ, gishira Eritreya, Etiopiya n’u Rwanda mu bihugu biza kw’isonga mu birimwo abamenyeshamakuru benshi bapfunzwe muri Afrika yo mu buseruko Reta yatanzaniya iriko iratanga incanco za Covid-19 ku Barundi bahungiye mu makambi ya Nduta na Nyarugusu Perezida wa Leta Zunze Ubumwe z’Amerika, Joe Biden, ariko arakoresha ku buhinga bwa videwo inama mpuzamakungu kuri demokarasi.