Igihugu c'Uburundi kuva kuri uyu wa kane kiramutswa Evariste Ndayishimiye. Uwo mu generali w'imyaka 52 mu migambi yatangaje ahanini ni ukuvuza abakukuruke ku buntu no kubaha agahembo kangana n'imishahara bahora bahembwa hamwe no guhungura impunzi.
Mw'ijambo yashikirije, Perezida Ndayishimiye yashimagije ubutwari bwa perezida Pierre Nkurunziza aherutse gushengera ari na we asubiriye. Ndayishimiye yanagarutse ku migambi umugambwe wiwe CNDD-FDD washize mu ngiro mu myaka 15 iheze maze avuga ko agiye gukomeza ubutungane kurusha.
Yamenyesheje ko agiye kunagura intahe yo ku mugina aho imanza zicibwa n’amasentare zizobanza kwisunga iz’abashingantahe. Yahamagariye kandi Abarundi kudatinya abategetsi anabaha uburenganzira bwo kumugezaho ibibazo mu gihe ivyariho vyiwe vyovyirengagiza.
Yagiriyeko ahamagarira Abarundi bahunze gutahuka yongera yihanikiriza abanyamahanga boshaka kwivanga mw'itunganywa ry'igihugu. Ibihugu bibanyi n'ivya kure atashimye kuvuga, yabisavye kudahirahira ngo bisubire "gutuma canke guha impigi Abarundi bataye ibanga ngo bakore imigambi yo gusambura Uburundi".
Mu bantu basivye ibirori vy’iyimikwa rya Ndayishimiye bikaboneka cane, barimwo Denise Bucumi Nkurunziza, umutambukanyi wa perezida Nkurunziza hamwe na Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL yari yitwaye muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ko yibwe amajwi ariko ikirego ciwe nticahabwa agaciro.
Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza
Facebook Forum