Uko wahagera

Evariste Ndayishimiye Yemeza ko Agiye Kubaka Uburundi Bushasha


 Evariste Ndayishimiye Yemejwe ko ari we yatahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu
Evariste Ndayishimiye Yemejwe ko ari we yatahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu

Umugambwe uri ku butegetsi Cndd-Fdd ari na wo watahukanye ikibanza ca mbere mu matora y’umukuru w’igihugu ku bice 68,7 % uvuga ko ushimira umugwi CENI wateguye amatora ingene wavyifashemwo mu gutuganya amtora uwo mugambwe wemeza ko yabaye meza.

Uwo mugambwe umaze imyaka 15 ku butegetsi uvuga ko bitari vyoroshe gutegurira rimwe amatora atatu ay’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka n’abajenama b’amakomine. Uwo mugambwe urakeza umukandida wawo Evariste Ndayishimiye. Umusaba kuzokora uko ashoboye kose kugira Abarundi bose babeho mw’ituze, biteze imbere mu gihugu cabibarutse. Uti “Turikumwe vyose bizoshoboka”.

Evariste Ndayishimiye, umukandida w’uwo mugambwe avuga ko intsinzi yiwe ari intsinzi y’Abarundi bose. Yemeza ko agiye kubaka Uburundi bushasha. Ahamagarira Abarundi kuguma bafayanye mu nda, impunzi na zo zahungiye mu bihugu bitandukanye azihamagarira gutahuka kubaka igihugu.

Umugambwe CNDD-FDD Urashimira CENI
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:01 0:00


N’aho biri uko umugambwe CNL waronse ikibanza ca kabiri n’amajwi ari ku bice 24.1% uragaya ivyatangajwe na CENI. Uwo mugambwe uvuga ko ufise ivyemeza bikwiye ko ari wo watahukanye intsinzi. Wemeza ko wibwe muri ayo matora. Agathon Rwasa umukandida w’uwo mugambwe avuga ko yiteguriye kwitura inzego zijejwe gutatura amatati y’amatora ari yo sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Bitegekanijwe ibiharuro vyatangajwe na CENI bizorinda kwemezwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira bibe ntabanduka. Aho ni ho uwuzoba atashimye ivyavuye mu matora azoca yitura inzego zibishinzwe nk’uko itegeko rigenga amatora ribivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG