Uko wahagera

Interineti Yugawe ku Musi w'Amatora mu Burundi


Abakandida bahiganira kuba Perezida mu Burundi
Abakandida bahiganira kuba Perezida mu Burundi

Abarundi bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu, ay'abashingamateka n'abajenama b'amakomine. Abariko baratora batorera mu tuzu tw’amatora 14718 nk'uko umurwi utunganya amatora ku rwego rw’igihugu, CENI, ubitangaza. Nta gitigiri kizwi c’Abarundi baza gutora muri rusangi uko bangana. Umurwi CENI haraheze iminsi uvuze ko ico bita “Fishier Electoral” kitazotangazwa.

Tumwe mu tunenge tumaze kwibonekeza turimwo Interneti yaciwe mu gihugu cose. Abarundi bari mu gihugu kugira bahanahane amakuru bariko biyambaza uburyo bwa VPN.

Ahejeje gutora, umukuru w'umugambwe CNL Agathon Rwasa yaneguye icibwa ry'iyo mihora avuga ko bizotuma abantu batizera ivyavuye mu matora. Izo mbuga ziciwe inyuma yaho ku munsi w'ejo, amashirahamwe mpuzamakungu adaharanira inyungu za politike agera kuri 30, mu ikete yandikiye perezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, yari yamusavye ko Uburundi butoca Interneti. Muri iryo kete, ayo mashirahamwe yasavye kandi ko imbuga za interneti z’ibinyamakuru nka Iwacu zugawe mu Burundi zugururwa.

Utundi tunenge abari ku rubuga bariko bavuga kuri ano matora, turimwo uko abamenyeshamakuru bari babanje kubuzwa gufata amafoto y'abakandida bamwe bamwe nka Agathon Rwasa ahagarariye umugambwe CNL ubonwa nka mukeba wa mbere w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Mu nyuma abo bamenyeshamakuru bahavuye bemererwa gufata ayo masanamu.
Amatora yo kuri uno wa gatatu abaye ata ndorerezi mvamakungu n’izo mu karere ziyahagarariye. Abo mu karere bari barifuje kuyahagararira basabwe kubanza kuja mu kato. Iyo bagashirwamwo, bari kukavamwo ku munsi wa gatanu kuko bahawe iminsi14. Umwe mu bavuganye n’Ijwi ry’Amerika mu bari ku yacungera yavuze ko vyari ngombwa ko bahibera n'ubwo bitakunze.

Ni amatora atega kandi Abarundi baba mu mahanga: CENI yavuze ko uwo muce w’Abarundi batazotora kubera ikiza ca Virusi ya Corona. Abamaze kuvugana n’Ijwi ry’Amerika bemeje ko ari ikumirwa bakorerwe kandi ubuhinga bwa none bwari kubemerera gutora. Ni ku ncuro ya mbere Abarundi baba mu mahanga badatoye mu mateka y'Uburundi. Mu gihe abo barundi basaba ko bazohabwa amahirwe yo gutora, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu ntaco burabivugako.

Hagati aho, Abamenyeshamakuru mpuzamakungu nabo ni uwundi muce w’abatariko bakurikiranira ano matora ku rubuga: Amwe mu maradiyo yigenga yakorera mu Burundi yaratswe uburenganzira bwo gukorera muri ico gihugu. Abari ku rubuga mu Burundi na bo hari amwe mu mategeko bahawe. Naho abenshi muri abo bamenyeshamakuru batuyagiye mu kanywababu ntibashime kuduha amajwi bavuze ko amwe muri ayo mabwirizwa ababangamiye: Aha bavuga ahanini nko kubuzwa gutangaza bimwe mu biriko bibera mu matora.

Ibitigiri vy’imfatakibanza vy’ivyavuye mu matora yo kuri uno wa gatatu bizomenyekana ku munsi wa kabiri, hama ibitigiri ntabanduka bitangazwe igenekerezo rya kane ukwezi kwa gatandatu, umukuru w'igihugu azoba yatowe arahire igenekerezo rya 20 ukwezi kwa munani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG