Uko wahagera

CPJ Isaba Irekurwa ry'Abamenyeshamakuru Bane ba Iwacu


Abamenyeshamakuru ba IWACU bafunzwe
Abamenyeshamakuru ba IWACU bafunzwe

Abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru cigenga co mu Burundi IWACU bazorenguka mu butungane kuri uyu wa gatatu italike 6 ukwezi kwa 5 muri sentare y’iyungururizo.

Umuryango mpuzamakungu CPJ (Committee to Protect Journalists) ukingira agateka k'abamenyeshamakuru usaba ko borekurwa kuko bariko bazira umwuga wabo. Baheruka gukatirwa igifungo c’imyaka 2 n’igice.

Abo bamenyeshamakuru batawe muri yompi mu kwezi kw’10 umwaka uheze, bagirizwa kwifatanya n’abarobeli bateye igihugu mu ntara ya Bubanza, ari na ho bafatiwe bagiye kurondera amakuru y’ico gitero.

Igihano co gufungwa imyaka 2 n’igice bakatiwe, yaba bo, ababunganira n’imiryango mpuzamakungu ikingira agateka k’abamenyeshamakuru babona ko ari akadodoberezo ataho gafatiye.

Hambavu y'uko muri CPJ bemeza ko Christine Kamikazi, Agnes Ndirubusa, Therence Mpozenzi na Egide Harerimana bariko bazira ubusa, Umufasoni Muthoki Mumo, atwara CPJ mu bihugu vyo ku mugabane wa Afrika wo munsi ya Sahara avuga ko kubarekura kwoba no kubakingira ikiza c’umugera wa Corona gishobora kubasanga mw’ibohero.

Ku munsi wa mungu, wari umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru kw’isi. Urwego CNC rucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi ruremeza ko hakiri abatware baburabuza abamenyeshamakuru mu kazi kabo. Jerome Niyonzima, umwe mu bagize urwo rwego yabibwiye Ijwi ry'Amerika.

Urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ ruhamagarira abatwara mu Burundi kureka kuremera abamenyeshamakuru, rukanatera ivyatsi ingendo yo kubatera ubwoba. Alexandre Niyungeko atwara urwo runani mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika yatanze akarorero ka zimwe mu ndongozi zateye ubwoba abamenyeshamakuru, harimwo uguhiga kubica.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

CPJ Isaba Irekurwa ry'Abamenyeshamakuru Bane ba Iwacu
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:24 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG