Ku musi ugira 14 wo kwiyamamariza amatora mu Burundi ategekanijwe kw’italiki ya 20 muri uku kwezi kwa gatanu, umugambwe CNL mu ntara ya Kirundo uharura abanywanyi bawo barenga 70 bapfungiwe ivyaha bijanye n’amatora.
Amakuru atangwa na zimwe mu ndongozi z’uwo mugambwe muri iyo ntara, avuga ko abenshi mu bagiye barafatwa bari ku ntonde z’abitoza mu nama mpanuzwajambo z’amakomine atandukanye.
Abandi bari mu bamaze guhagarikwa bagapfungwa, ni abari ku ntonde zashikirijwe imigwi yigenga ijejwe gutegura amatora mu ma komine (CECI), kugira bazocungere amatora ku biro vy’itora kw’izina ry’umugambwe CNL nk’uko abo dukesha aya makuru babivuga.
Babandanya bavuga ko bamaze gushikiriza amakenga abajejwe intwaro ko mu gihe umurindi wo guhagarika abo bashize imbere ku ntonde bashobora kuja mu matora batagira abitoza, ndetse n’abazobafasha gucungera amajwi yabo ko yaharuwe neza.
Indongozi za CNL zitanga aya makuru zemeza ko badacika inkokora, ko imyiyamamazo barimwo bayibandanya gushika ku musi wa nyuma bahawe n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora mu Burundi (CENI).
Ivyo biri uko mu gihe inzego za leta n’iz’umutekano mu Burundi zimaze kwagiriza umugambwe CNL guhungabanya umutekano mu guhohotera ahanini abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
CNL umaze guhakana ivyo wagirizwa biciye ku mukuru wawo Rwasa Agathon washize imbere ngo azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu nka kizigenza wabo.
Bamwe mu ndongozi za CNL bari mu Kirundo babwiye Ijwi ry’Amerika ko basotorwa n’urwaruka rwegamiye umugambwe CNDD-FDD bikarangira ari bo bonyene bafashwe ku mvo z’amatohoza. Bagasaba abajejwe intwaro n’umutekano kuterekana aho bahengamiye mu gufata imigambwe kumwe ku rubuga rwa politike.
Muri rusangi abanywanyi b'umugambwe CNL barenga 300 baramaze gutabwa mu mvuto muri kino kiringo co kwiyamamariza amatora.
Facebook Forum