Uko wahagera

Bakubaguwe Bazira Kuvyinira mu Ikoraniro ry’Umugambwe CNL


Rwasa Agathon umukuru w'Umugambwe wa Politike, CNL

Mu ntara ya Kirundo muri komine Bwambarangwe havugwa umwana w’umwigeme yoba yasinzikarijwe ubuzima na musitanteri w’iyo komine.

Co kimwe na mugenzi we, uwo mutegetsi akaba yabahoye kuba baragiye mu birori vyo ku musi w’Imana vyo kugurura ingoro y’umugambwe CNL ku murwa mukuru w’iyo komine arongoye.

Amakuru ava muri komine Bwambarangwe avuga ko ikubagurwa ry’abo bigeme babiri ryabaye kuri uyu wa mbere mu biro vya musitanteri wa komine Bwambarangwe.

Uwo akaba yari yabatumyeko nk’uko vyemezwa na Euphrasie Mutezinka umushingamateka wo mu mugambwe CNL mu ntara ya Kirundo kugira ababaze igituma baritavye ibirori vyo kugurura ingoro y’umugambwe CNL.

Abo bana b’abigeme babiri musitanteri yaboreje igufa bari mu batamvye mu birori vyo kugurura ingoro y’uwo mugambwe urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa, ibirori vyabereye kuri stade Mukenke.

Umushingamateka Mutezinka atanganzwa n’ingene ivyo kutihanganiranira bibandanya, abategetsi bo hejuru badasiba gusemerera.

Uwo mushingamateka w’umukenyezi ababazwa n’ingene abo bana b’abigeme baborejwe igufa na musitanteri w’umukenyezi. Agasaba ko ubutungane bwokora kuri uwo mutegetsi abuza abo arongoye ubwigenge bwo kwishira n’ukwizana.

Ijwi ry’Amerika ntiryashoboye kuronka musitanteri wa komine Bwambarangwe kugira agire ico ashikirije ku vyo yagirizwa.

Ivyo kutihanganiranira kandi biravugwa muri komine Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura. Kuva ku musi wa mbere w’ino ndwi, umunyamabanga w’umugambwe CNL yahungiye ahantu hatazwi.

N’inyuma y’aho mu bucagucagu bw’uwo musi abapolisi bazindukiye gusaka ibigwanisho i muhira iwe, bakavuga ko batoye gerenade zine mu kinogo kiri inyuma y’inzu yiwe.

Indongozi z’umugambwe CNL mu Nyabiraba zikavuga ko ari irementanya rigirirwa abanywanyi b’uwo mugambwe kugira baherezwe mu mabohero, amatora ya 2020 azobe batari ku rubuga rwa politike.

Ivyo musitanteri w’iyo komine yamirira kure. Ferdinand Simbananiye akavuga ko amatohoza ari yo azotanga ukuri kuri iyo dosiye.

Hagati aho, umukenyezi wa Théogène Ndikumana yagirizwa gutunga ibigwanisho, n’ikibondo i mugongo abarizwa mw’ibohero rya Mpimba kuva ku munsi wa mbere w’ino ndwi mu gishingo c’umugabo wiwe igipolisi kitashoboye gushirako amaboko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG