Uko wahagera

Rwasa: Hari Umugambi wo Kumfunga no Gufuta Umugambwe Wanje


Agathon Rwasa
Agathon Rwasa

Agathon Rwasa umukuru w'umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi yemeza ko hari umugambi w'ubutegetsi wo kumwagiriza ko afise abagwanyi bitwaje ibigwanisho mu gihugu.

Ni umugambi asigura ko ugamije kumuta mu mvuto no gufuta umugambwe wiwe. Agathon Rwasa asigura ko afise amakuru yo kwizerwa ko inama z'urutavanako zigamije kurementaniriza umugambwe wiwe zatanguye mu ntango z’uku kwezi. Yemanze ko n’ahabera ayo manama ahazi neza.

Mu kiganiro cihariye yahaye Ijwi ry'Amerika, Rwasa yasiguye ko hari imyambaro igizwe n’imipira n’inkofero ibihumbi bitatu imaze gukorwa ifise ibimenyetso vy’umugambwe wiwe mu ntumbero yo kuyambika abantu bahawe ibigwanisho baziyita abayoboke ba CNL.

Agathon Rwasa aramutswa CNL akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka amenyesha ko iyo myambaro ikorerwa muri imwe mu ma imprimerie yo mu gisagara ca Bujumbura.

Umukuru wa CNL Agathon Rwasa nta mazina y’abariko bakora ico yise irementanya rigamije kumufunga no gufuta umugambwe wiwe ashikiriza. Mugabo yemanga ko ahari kandi bibaye ngombwa yoyashira ahabona.

Ijwi ry’Amerika ntiryashoboye kuronka ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bujejwe itunganywa ry’imigambwe n’inzego z’umutekano kugira bugire ico bashikirije kuri bino vyagiriji vya Rwasa.

Ni ivyagiriji bivuzwe mu gihe mu ntara zitandukanye z’Uburundi hari abanywanyi ba CNL bamaze gufatwa bagirizwa gutunga ibigwanisho batabifitiye uruhusha.

Uwuheruka gufatwa ni umunyamabanga wa CNL muri komine Buhiga y’intara ya Karusi. Yafashwe yagirizwa gutunga gerenade n’imyambaro y’igipolisi yasanzwe mu rugo i we habanje kuba isakwa. Rwasa amenyesha ko bamurementanyirije.

Rwasa Yagiriza Ubutegetsi bw'Uburundi Gushaka Kumurementanyiriza
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:08 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG