Uko wahagera

Agathon Rwasa Ariyamiriza Ifatwa ry’Abanywanyi b’Umugambwe CNL


Rwasa Agathon avugana n'abamenyeshamakuru

Umushingamateka Agathon Rwasa ariyamiriza ibiherutse gushikirizwa n’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Muyinga ko agamije kugirira nabi abanywanyi b’uwo mugambwe. Yabishikirije ku musi wa gatandatu mw’ikoraniro kaminuza ryabereye ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Iryo koraniro kaminuza ry’umugambwe CNL ku rwego rw’igihugu ryari rifise intumbero yo gushinga komite nkuru y’umugambwe nk’uko Agathon Rwasa yabishikirije mw’ijambo ryiwe.

Inama kaminuza yabereye ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, n’intango yo gushinga inzego gushika mu ntara, mu makomine no ku mitumba nk’uko vyashikirijwe n’iyo ngongozi y’umugambwe CNL ku rwego rw’igihugu.

Ni mu gihe hari hagize imisi hari abanywanyi b’umugambwe CNL bahagarikwa mu gihugu hagati. Abo bakaba bagirizwa gukora inama zitemewe n’amategeko.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yari yamenyesheje mu misi iheze ko indongozi z’uwo mugambwe zokwimenyekanisha ku bategetsi bo mu ntara. Tharcisse Niyongabo yari yabwiye itangazamakuru ko uwo ari wo muti wonyene wohagarika icuka kibi ku banywanyi b’umugambwe CNL.

Umushingamateka Agathon RWASA avuga ko ivyo bigiye gukorwa vuba mu ntumbero yo guhagarika agatotezo abanywanyi biwe bari bagize imisi bakorerwa.

Iyo ndongozi y’umugambwe CNL iriyamiriza ibiherutse gushikirizwa na komiseri w’igipolisi mu ntara ya Muyinga. Uwo yari yashikirije mu ndwi iheze mu nama y’umutekano ko yiteguriye kugirira nabi abayoboke ba Agathon Rwasa. Uwo asanzwe ari n’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka afise uko yita ivyashikirijwe na komiseri Jerome Ntibibogora.

Mu vyo umugambwe CNL wifuza gushikako muri kazoza n’ugusubira kwunga ubucuti n’amakungu muri kino gihe imigenderanire itifashe neza hagati y’Uburundi n’amakungu. Iyo nama kaminuza y’umugambwe CNL yari yitabwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, na cane cane ivya buraya muri kino gihe bitarabana neza n’Uburundi.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza:

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:06 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG