Uko wahagera

Reta y'Uburundi Igabisha ko Ishobora Guhana Umugambwe CNL


Agathon Rwasa
Agathon Rwasa

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu mu Burundi buvuga ko bushobora gufatira ibihano umugambwe CNL wa Agathon Rwasa.

Tharcise Niyongabo umuvugizi w'ubwo bushikiranganji yabivugiye mu kiganiro c'abavugizi b'inzego za Leta cabereye i Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko bw'Uburundi.

Yabivuze afatiye ku banywanyi icenda b'uwo mugambwe bafunzwe akaba yemeje ko ari bo bituririye ingoro yabo muri komine Nyabiraba mw'ijoro ryo ku wa gatandatu uheze.

Bamwe mu miryango ifise ababo bafunzwe bavuga ko bahohotewe. Basigura ko batigeze bahabwa amahirwe yo kunganirwa n’abashingwamanza kandi ko bamwe muribo bahagaritswe mu gihe bari berekeje mu misa.

Ishirahamwe ryitaho uburenganzira bwa kiremwa muntu Human Rights Watch ryasohoye inyandiko rivuga ko abanywanyi b’umugambwe CNL bahohoterewa bakanahamwa. Risaba akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kugumiza ijisho kubiriko biba mu Burundi n’ugufatira ibihano abategetsi bamwe bamwe

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Kubera Iki Reta y'Uburundi Yipfuza Guhana CNL ya Rwasa?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:25 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG