Uko wahagera

Amizero y'Abarundi Yitwariye Ivyavuye muri Kamarampaka


Agathon Rwasa ayoboye Amizero y'Abarundi

Urunani Amizero y’Abarundi rwashikirije kuri uno wa kane sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ibirego vyo kuyisaba ko itokwemeza ivyavuye mu matora y’ibwirizwa shingiro aheruka mu Burundi.

Uwari arongoye intumwa za Agathon Rwasa yashikirije ko yizeye inyishu y’iyo sentare.

Abagabo batanu bo mu runani rw’abigenga Amizero y’Abarundi barongowe na Pierre Célestin Ndikumana ni bo bashikanye ivyo birego mu biro vy’umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro. Abo batumwe na Agathon Rwasa arongoye urwo runani, uwari abarongoye yashikirije icabagenza bahejeje gutanga ivyo birego.

Hari ibituma urunani Amizero y’Abarundi rusaba ko ivyavuye mu matora ya kamarampaka yo kw’igenekerezo rya 17 ukwezi kwa gatanu turimwo bitokwemezwa. Muri ivyo harimwo ibijanye n’ipfungwa ry’abanywanyi b’urwo runani nk’uko bishikirizwa na Célestin Ndikumana.

Urunani Amizero y’Abarundi ruriteguriye kwakira inyishu ruzohabwa n’iyo sentare ishinzwe kubahiriza ibwirizwa shingiro kuri ivyo birego.

Hari iyindi miryango ya politike itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi iza yarashikirije ko itemera ivyavuye muri ayo matora kamarampaka yo kw’igenekerezo rya 17 kuno kwezi turimwo naho itituye iyo sentare. Muri iyo harimwo umugambwe Sahwanya FRODEBU. Léonce Ngendakumana icegera c’uwurongoye uwo mugambwe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko bobo babandanya urugamba rwa demokarasi.

Urunani Amizero y’Abarundi rwituye sentare yubahiriza Ibwirizwa shingiro mu gihe iyo sentare ifise imisi icenda kugira ibe yemeje canke igahakana ibiharuro vy’amatora biherutse gushikirizwa n’umurwi CENI. Amakuru yo mw’ibanga Ijwi rya Amerika rikesha umwe wo mu bacamanza bo muri iyo sentare, Urunani Amizero narwo nyene rukazoronswa inyishu muri ico kiringo nyene ata gihindutse.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:26 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG