Uko wahagera

Umugambwe FNL Usaba Reta y'Uburundi Guta mu Mvuto Rwasa


Umushingamateka Agathon Rwasa

Umunyapolitiki Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL kuri uno wa gatandatu, yavuze ko amatora ya kamarampaka mu Burundi yagenze neza, yongera ahamagarira Abarundi gufatana mu nda no kwihanganiranira mu budasa bw'imigambwe yabo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Bigirimana asanga n'aho ukwo kwihanganirana mu vya politike ari ngombwa, ikibanza c'umushingamateka Agathon Rwasa aramutswa urunani Amizero y'Abarundi gikwiye kuba mu mvuto.

Bigirimana yagirije Rwasa ico yise gutoba agira ati:" Reta nirabe ico amategeko avuga ku muntu agomba guta igihugu mu manga, hama imubuze gutoba, imute muri yompi abandanije gutoba".

Ijwi ry'Amerika ryarondeye umushingamateka Agathon Rwasa kugira agire ico ashikirije kuri ivyo Jacques Bigirimana amwagiriza riramukena.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG