Uko wahagera

Umugambwe CNL Uratabariza Abanywanyi Bawo


Agathon Rwasa arongoye umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi
Agathon Rwasa arongoye umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi

Mu Burundi, umugambwe Congrès National Pour la Liberté, CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi uriyamiriza itotezwa rikorerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi cane cane abanywanyi bawo mu ntara hagati mu gihugu.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, umushingamateka Therence Manirambona, asanzwe anavugira uwo mugambwe yemeza ko abanywanyi b’imigambwe itavugarumwe n’uwuri k’ubutegetsi bageramiwe.

Manirambona atanga uburorero bw’abanywanyi b’umugambwe CNL bakubagurwa abandi bagahagarikwa agasakisaki kubera ivyiyumviro vyabo vya politike kuva aho uyo mugambwe wemerewe gukorera ku mugaragaro bagirijwe gukora inama zitemewe n’amategeko mu ntara zitandukanye.

Umugambwe CNL usaba ko abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bafunzwe kubera ivyiyumviro vyabo borekurwa nayo amategeko agenga ibikorwa vya politike akubahirizwa ata mwana n’ikinono abahohotera abandi nabo bagakubitwa intahe mu gahanga.

Uyo avugira umugambwe CNL asaba amakungu gukwirikiranira hagufi ibihe vya politike n’umutekano Uburundi burimwo muri kino gihe gishira amatora ya 2020.

Umugambwe CNL urongowe n’umunyapolitike atavuga rumwe na Reta Agathon Rwasa wemerewe gukorera ku mugaragaro mu kwezi kwa kabiri mu 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG