Uko wahagera

Rwasa Avuga ko Abanywanyi b'Umugambwe Wiwe Batotezwa


Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL mu Burundi

Umushingamateka Agathon RWASA arongoye umugambwe CNL ariyamiriza ifatwa, ifungwa n’itotezwa avuga ko rigirirwa abanywanyi arongoye muri ino misi mu mihingo itandukanye y’igihugu c'Uburundi.

Ahakana ko bagirizwa kuba bariko bakora inama zitemewe n’amategeko akavuga ko abanywanyi biwe co kimwe n’abandi bafise uburenganzira bwo kwishira n’ukwizana mu butandukane bwabo.

Na yo ku kibazo c’inzego ziserukira umugambwe yoba ari yo ntandaro yo kubuza umwe canke babiri mu banywanyi biwe kubonana bakayaga ivy’abo ngo ziriko zirategurwa mu misi iri imbere zizoshingwa ku mugaragaro.

Musitanteri wa komine Nyamurenza mu ntara ya Ngozi imwe mu makomine itungwa agatoke n’umushingamateka Rwasa ko abanywanyi biwe batotezwa ararahira akarengwa ko atari vyo.

Musitanteri Dieudonné Niyonzima asaba umugambwe CNL gushinga inzego hanyuma hagize umunywanyi w’uwo mugambwe agize ikibazo akamwitura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG