Uko wahagera

Abarundi Bazindukiye mu Matora ya Kamarampaka


Umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza
Umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza

Abarundi bari mu Burundi no mu mahanga kuri uno wa kane bari mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rihinyanyuwe.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre Nkurunziza aho yatoreye i Ngozi yashimiye Abarundi bose bitabiriye amatora, yongera avuga ko yizeye ko ibizoyavamwo ata mpari bizotera nkuko vyabaye akatari gake muri kahise k'Uburundi.

Agathon Rwasa arongoye urunani amizero y'Abarundi rudashigikiye ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa, we yavuze ko bigoye ko ibizova muri ayo matora vyizerwa kuko ku bwiwe hari abategetswe ico batora.

Agathon Rwasa
Agathon Rwasa

Hambavu y'abo Rwasa yemeje ko bategetswe ico batora, yavuze ko ikindi gituma ukwizera ibizova mu matora kugabanuka, ari abanywanyi b'urunani amizero y'Abarundi bagera kuri 74 bari bacungereye amatora mu ntara ya Rumonge birukanywe ku biro vy'itora n'imbonerakure.

Abanyagihugu aho batoreye babwiye ibitandukanye ijwi ry'Amerika: Uruhande rumwe ruremeza ko amatora yagenze neza kandi hari hageze ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa, urundi ruhande ruvuga ko rwaburabujwe rukabona ko ibwirizwa nshingiro ritari bwagere guhinyanyurwa.

Ijwi ry'Amerika ryashatse kumenya ico umugwi CENI utunganya amatora uvuga kuri utwo tunenge dutandukanye twadomweko urutoke, Ntahorwamiye Prosper avugira uwo mugwi yishura ko ata makuru yoha iradiyo yahagaritswe.

Nta ndorerezi mvamakungu canke zo mu karere ka Afrika y'Ubuseruka zihagarikiye amatora ya kamarampaka y'uno mwaka.

Amashirahamwe mpuzamakungu atandukanye, umuryango w'ubumwe bwa Buraya, Amerika na Ekleziya katorika mu Burundi itashimye gutanga abayiserukira mu mirwi itegura amatora ku rwego rw'igihugu, bavuze ko hatari bwagere ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa bivanye n'ibihe vya politike Uburundi burimwo.

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimo yavuze ko Reta yiteguriye kwakira ivyavuye mu matora.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerka Jean Bosco Ndarurinze ni we yakurikiranye iyi nkuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG