Uko wahagera

FRODEBU Irahamagaria Abayo Gutora "OYA" muri Kamarampaka


Leonce Ngandakumana, icegera c’uwurongoye Frodebu
Leonce Ngandakumana, icegera c’uwurongoye Frodebu

Umugambwe Sahwanya Frodebu wemeza ko gutora "oya" ari guhakana gusubira mu ntwaro y’umugambwe umwe kandi yaka ijambo abanyagihugu.

Leonce Ngandakumana icegera c’uwurongoye Frodebu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yemeje ko ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro bishira imbere gukumirana kandi vyaka ububasha inama nshingamateka na nkenguzamateka. Ico ni co gituma ahamagarira abarundi gutora "oya" mu matora yo ku wa 17 ukwezi kwa gatanu 2018.

Ikindi umugambwe Frodebu unegura kugira ushire imbere gutora oya ni uko hari ingingo nshasha muri iryo bwirizwa ziha ububasha bw’ikirenga umukuru w’igihugu. Ngendakumana akavuga ko iyo ngingo isa niyigarukana intwaro ya cami mu gihugu. Ku bw’iyo ndongozi y’umugambwe Frodebu gutora "oya" ni ugushira imbere gufatana mu nda kw’Abarundi n’ukwanka ko Uburundi busubira mu ntwaro y’umugambwe umwe.

Abajijwe ikiranga minsi c’ingene umugambwe Frodebu uzo kwiyamamaza mu gihugu. Icegera c’uwurongoye Frodebu yavuze ko bazoza barabimenyesha hageze ku mvo z’umutekano. Leonce Ngendakumana yemeza ko hari bamwe babandanya bagabisha abiyamamariza gutora "oya" Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG