Uko wahagera

Burundi: Amashirahamwe 23 Ariyamiriza Ihinyanyurwa ry'Ibwirizwa Nshingiro


Amashirahamwe agera kuri 23 yatanguje isekeza "Teshwa Ute" asigura ko ibituma bigera kuri bitanu vyayatumye gutanguza iryo sekeza.

Mw'itangazo yashize ahabona, ayo mashirahamwe avuga ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro rihonyanga ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n'amategeko yose yandi yenenako.

Babandanya bavuga kandi ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro mu buryo ritunganijwe muri kino gihe riza nk’intambamyi y’utwigoro twose two kurondera umuti w’indyane igihugu cinjiyemwo kuva muri 2015.

Muri iryo tangazo, ayo amshirahamwe asigura ko umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro uteye kubiri n’impanuro hamwe n’ingingo vyashitsweko n’abakuru b’ibihugu vy’akarere, umuryango w’ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Indi nsiguro aya mashirahamwe atanga, ni uko hamwe ibwirizwa nshingiro ryoramuka rihinyanyuwe, kubwayo ukudahana kobandanya gusasirwa indava mu Burundi.

Abashize umukono ku rwandiko ayo mashirahamwe yasohoye kuri uyu wa gatanu bamenyesha ko gushaka guhidura ibwirizwa nshingiro biriko bikorwa hakoreshejwe iterabwoba aho kuba umugambi wumvikanyweko kandi uhurijweko na bose.

Bahamagarira ibihugu vy’akarere, amakungu n’abafasha Uburundi guhaguruka bakabafasha kugwanya ico bise "ukudahanurwa” gushobora gusubiza Uburundi mu ntambara n’ingendo y’ihirikwa ry’ubutegetsi.

Abarundi bose muri rusangi harimwo n’abo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, ayo mashirahamwe abahamagarira kugarariza umugambi wa kamarampaka utegekanijwe mu kwezi kwa 5 uyu mwaka ari nayo Abarundi bategerezwa kugaragarizamwo ko bashaka ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa canke bifuza igihushane cavyo mu gutora “Ego” canke "Oya”.

Amenshi muri aya mashirahamwe harimwo ay'Abarundi bari hanze n’ayahora akorera mu gihugu ariko ubu yahagaritswe canke yafuswe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Bamwe mubayarongoye baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi bagirizwa gukorana n’abashatse guhirika ubutegetsi kuwa 13 ukwezi kwa gatanu uwo mwaka nyene.

Kw’itariki ya 12 ukwezi kwa 12 muri 2017, umukuru w’igihugu c'Uburundi yugurura isekeza ryo gusigurira Abarundi umugambi wa kamarampaka, yagabishije abashaka kuwuburizamwo ko ari “ umurongo utukura” ntarengwa.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka Agathon Rwasa yasavye indongozi z’Uburundi n’Abarundi bose gushira imbere ineza ya bose.

Rwasa asanga Abarundi bose bari bakwiye kuronswa uburenganzira bungana bwo gushikiriza ata gitsure ico bagona kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG