Uko wahagera

FIDH: Agateka ka Muntu Kabandanya Gahonyangwa mu Burundi


Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza ari ku kirimba ciwe i Bujumbura, itariki 29/06/2017.
Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza ari ku kirimba ciwe i Bujumbura, itariki 29/06/2017.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu FIDH rivuga ko umugambi wa Leta y’Uburundi wo kuja mu matora ya kamarampaka mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka uriko wongereza ubugizi bwa nabi n’agatotezo mu gihugu.

Ivyo biri mu cegeranyo iryo shirahamwe rifise icicaro i Paris mu gihugu c’Ubufaransa ryasohoye kur’uyu wa gatanu mu matohoza ryakoranye n’ishirahamwe ry’abarundi Ligue Iteka.

Iyo raporo yemeza ko kuva Leta y’Uburundi itangaje ko mu kwezi kwa gatanu umwaka w’2018 hazoba amatora ya kamarampaka yo kwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro haciye hatangura uruhigi rw’abantu bitwa ko bariko bahamagarira abanyagihugu kuzotora “Oya”.

Muri ico cegeranyo bivugwa ko ababangamiwe kurusha abandi ari abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

Aha uturorero tw’abanywanyi b’imigambwe igeramiwe gusumba iyindi amashirahamwe ya FIDH na Ligue Iteka atanga ni aba FNL bayoboka Agathon Rwasa, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, ab'umugambwe MSD wa Alexis Sinduhije ari mu banyepolitike bahunze igihugu hamwe n’abadasigana ba UPRONA itemewe na reta.

Ayo mashirahamwe kandi yemeza ko n’abaharanira agateka ka zina muntu bahigwa buhongo kubera iyo mvo nyene.

Muri ico cegeranyo kandi ayo mashirahamwe asigura ko ibijanye n’agateka ka zina muntu bigenda vyunyuka ku musi ku musi bitewe n’uwo mugambi w’amatora ya kamarampaka. Ayo mashirahamwe yemeza ko n’abana batarakwiza imyaka 18 yo gutora bategetswe kuja kwiyandikisha.

Iyo raporo ivuga ko mu kiringo c’iyandikwa ry’abazotora kuva kw’itariki ya 8 ukwezi kwa kabiri gushika kuwa 17 uko kwezi nyene hibonekeje ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu buryo butandukanye.

Uturorero dutangwa ni utw’abanyeshure bategetswe kuja kwiyandikisha amashure akugarwa, abatavyemeye nabo bakirukanwa, ibuzwa kuja mu masoko ku bantu batiyandikishije n’iterabwoba ryakozwe na bamwe mu bajejwe intwaro, abagize inzego z’umutekano na bamwe mu bariko bakora igikorwa co kwandika ku banyagihugu bitwa ko badashigikiye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.

FIDH na Ligue Iteka bavuga ko bafise amakenga ko hamwe ibwirizwa shingiro ryoramuka risubiwemwo amasezerano ya Arusha ashobora kuzimangana bigatuma ibitigiri bihumuriza Abarundi vy’abahutu ibice 60% n’abatutsi 40% mw’itunganywa ry’intwaro n’ubutungane bihebwa burundu.

Ivyo ayo mashirahamwe yibaza ko bishobora gusubira kuvyura indyane z’amoko na rirya hagize imisi hari isekeza ryo kugira rusansuma rufatiye ku moko no mu mashirahamwe yigenga na mpuzamakungu.

Iyo raporo inavuga ko hari abatware bamwe bamwe binyegeje inyuma y’ijambo ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 12 ukwezi kwa 12 atanguza umugambi wa kamarampaka mu gutanga ubutumwa bw’iterabwoba n’ugucanishwamo abantu bavuga ko uwo wese azotora “Oya “ canke uwofatwa ayigisha akwiye gufatwa nk’umwansi w’igihugu.

Yemeza ko abantu bari hagati ya 10 n’ijana bamaze gufatwa bagirizwa guhimiriza abanyagihugu gutora” Oya”

Ikindi ayo mashirahamwe avuga kiyateye ubwoba ni ukuntu abategetsi b’Uburundi bateye umugongo amashirahamwe mpuzamakungu atari make harimwo na sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI banka gukorana na yo mu matohoza ku vyaha vyoba vyarakozwe na bamwe muri bo hagati y’umwaka w’i 2015 n’i 2017.

Ayo mashirahamwe avuga ko bamwe mu bagize inzego z’umutekano bibonekeje mu bikorwa vyo guhohotera agateka ka zina muntu. Asaba ONU gufata ingingo zose zishoboka kugira abakoze ayo mabi ntibaje mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bihugu Abarundi barungikwamwo.

Akanama kajejwe amahoro n’umutekano muri ONU gasabwa gufata ingingo zihuta ibintu bitarayangara mu Burundi. Ibihugu bigize ako kanama navyo bihamagarirwa kwiyamiriza ku mugaragaro umugambi w’amatora ya kamarampaka, gushigikira irungikwa ry’indorerezi z’agateka ka zina muntu 100 n’abahinga b’abasirikare 100 nyene, gufatira ibihano abategetsi bagirizwa amabi atandukanye, kwiyamiriza agatotezo gakorerwa abaharanira agateka ka muntu hamwe no gushigikira igikorwa ca CPI ku Burundi.

Iki cegeranyo kije inyuma y’ikindi ca Amnesty International casohotse kuri uyu wa kane cavuga ko mu Burundi ibintu bikomeza kunyuka.

Reta yama yiyamirije bene ibi vyegeranyo ivuga ko ababitegura bakorana n’Abarundi barwanya ubutegetsi. Mbere iri shirahamwe Ligue Iteka rikorana na FIDH ryo vyariviriyemwo gufutwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG